IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Inda z’indaro mu mashure si agaseseshwa rumuri

Inda z’indaro mu mashure si agaseseshwa rumuri

jeudi 22 Rusama 2014

Inda z’ishushu ziracibonekeza mu mashure y’intango n’ayisumbuye mu Burundi, kandi iyo ikaba intandaro yo guheba amashure kuri abo bana b’abigeme.

Mu mashure matomato n’ayisumbuye yo mu ntara ya Cibitoke nk’uko bivugwa n’umuyobozi w’amashure muri iyo ntara, abanyeshure bagera kuri 1667 nibo bataye amashure muri iki gice ca kabiri, ariko muri abo, abigeme 69 akaba aribo bagiye bafise inda z ‘ishushu. No mu ntara ya Kirundo ni nk’uko, kuko ku bigeme 2841 bahevye amashure, abashika 150 bagiye bibungenze.

Mwomenya ko bamwe mu badandaza, abunguruza abantu n’abandi bakozi ba Reta usanga kenshi bagirizwa kuba batwaza inda abigeme bo mu mashure, mu gihe abandi bata amashure kugira baje mu rudandaza canke ibindi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.