Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuhindi : Umukobwa w’imyaka 19 ateye nk’abana bafise imyaka 2 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubuhindi : Umukobwa w’imyaka 19 ateye nk’abana bafise imyaka 2

Ubuhindi : Umukobwa w’imyaka 19 ateye nk’abana bafise imyaka 2

mercredi 8 Ndamukiza 2015

Girija Srinivas ni umukobwa w’imyaka 19 y’amavuka, aturuka mu gihugu c’Ubuhindi, akaba afise umubiri w’abana bafise imyaka 2.

Ku myaka 19 y’amavuka, Girija Srinivas apima isetimetero 90 n’ibiro 12. Uwo mukobwa yavukiye mu gihugu c’Ubuhindi, yavukanye indwara yitwa agenesie congenitale ituma ibihimba vy’umubiri bidakura neza. Ubu Girija akaba ateye nk’umwana afise imyaka 2 kandi ari umukobwa w’imyaka 19.

Girija afise umutwe udateye neza kandi munini cane, ku buryo adashobora kwicara kuko yohava avunika izosi. N’aho afise umubiri w’umwana w’imyaka 2, mu maso aboneka nk’umuntu akuze.

Girija ntiyigeze arera amaboko n’aho ari ikimuga ataco ashobora gukora, kandi akavuga ko atigeze yipfuza kumenyekana biciye mu bumuga bwiwe ariko biciye muvyo asanzwe akora. Uwo mwigeme asanzwe afise ingabirano yo gucapa, mbere bigatuma anafasha n’umuryango wiwe mu gihe muvyo acapa aronkamwo amafaranga angana 130 gushika 160 y’amanyaburaya ku kwezi.

Uwo mwigeme yongera akavuga ko adakeneye abantu bamwumvira ikigongwe, ahubwo akeneye abantu bashima ivyo akora, bataravye ubumuga bwiwe mbere akagomba kuja mu mahanga, kugira ashobore gukora ikintu kinini.

Mukamenya ko ibintu vyinshi nko gufungura, kwoga n’ibindi, umuvyeyi wa Girija abimukorera vyose mugabo hageze ko acapa ntanumwe amufasha kubikora.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.