Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inde : Umumenyeshamakuru yakorewe ivyamfurambi n’abagabo batanu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inde : Umumenyeshamakuru yakorewe ivyamfurambi n’abagabo batanu

Inde : Umumenyeshamakuru yakorewe ivyamfurambi n’abagabo batanu

vendredi 23 Myandagaro 2013

Umumenyeshamakuru w’umukenyezi w’imyaka 23, afata amasanamu, yarafashwe ku nguvu, akorerwa ivyamfurambi n’abagabo batanu, igihe yari kumwe na mugenzi we w’umusore bakorana bagiye kurondera amakuru mw’ihinguriro, muri karatiye ya Bombay yitwa ko yifise mu gihugu c’Ubuhundi. Aho, hari ejo ku munsi wa kane kuwa 22 Myandagaro 2013.

Kubw’amakuru dukesha ibinyamakuru vyo mu gihugu c’Ubuhindi, uwo musore yaraherekeje uwo mwigeme, yabanje kubohwa amaguru n’amaboko, mu gihe abandi batatu bariko barakwega uwo mwigeme, bamutwara kure gato y’uwo musore, imbere y’uko bamukorera ivyamfurambi.

Abaganga bariko basuzuma amagara yiwe ubu, barahumuriza, bavuga ko atababaye cane.
Igipolisi co mu gisagara ca Bombey kikaba cafashe umwe mu bikekwa kuba bakoze ako kabi kabishe. Uwo yafashwe yaciye avuga n’abandi bagenzi we bane bari kumwe.

Satyapal Singh, umukuru w’igipolisi co muri Bombey yamenyesheje ko abo bamenyeshamakuru aribo babafashije gufata umwe muri abo bakoze ibiterasoni, uwo nawe aca avuga abo babikoranye. Ariko, abo bandi bane ntibarafatwa, igipolisi kiracabarondera.

Ico kibi kibishe gihejeje kuba, abahindikazi baciye bihereza amabarabara mu kwiyamiriza ifatwa ku nguvu ryagisibije muri ico gihugu c’Ubuhindi hamwe n’ibihano bito bihabwa ababa bagiriwe n’icaha co gufata ku nguvu.

Umushikiranganji wo hagati mu gihugu Raosaheb Ramrao Patil, yarishikiye ku bitaro aho uwo mu menyeshamakuru yafashwe ku nguvu yariko aravurirwa, kugira amusuhuze. Ati : « Ni ingorane ikomeye. Ababikoze bategerezwa gufatwa vuba ».

Mwokwibuka ko mu mwaka uheze, mu kwezi kwa Kigarama, ifatwa ku nguvu ry’umunyeshure wo muri kaminuza w’imyaka 23 ryatumye haba uruhagarara n’imyiyerekano mu gihugu c’Ubuhindi kugira biyamirize ifatwa ku nguvu mu gihugu no kudahanwa kw’ababa babikoze. Abo bari mu myiyerekano, batunga urutoke ukudashiramwo inguvu kw’igipolisi kugira gituze aba babikora hamwe n’ibitaro bimwe bimwe bitakira neza ababa bakorewe ayo mabi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.