Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indege z’igihugu ca Kenya nizo zakoreshejwe mu gutuza ab’al shabab - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Indege z’igihugu ca Kenya nizo zakoreshejwe mu gutuza ab’al shabab

Indege z’igihugu ca Kenya nizo zakoreshejwe mu gutuza ab’al shabab

lundi 23 Ruheshi 2014

Indege zo mu gihugu ca Kenya zarashe bikomeye ahari ibirindiro vy’intagondwa z’abarwanyi ba shabab mu Bumanuko bw’ico gihugu, nk’uko bivugwa n’abariko barafasha kugarukana amahoro.

Izo ndege zo mu gihugu ca Kenya zikaba zarashe mu duce twa Anole na Kuday, uduce bivugwa ko twirayemwo abo bakozi b’ikibi bakorana n’umuhari wa Al-Qaïda. Izo ndege rero zikaba zateye abo barwanyi, mu ntumbero yo gukomeza umutekano, no guca inzira kugira batuze izo ntagondwa, maze umutekano ushobore gusasagara mu gihugu cose ca Somaliya.

Tukaba twobibutsa ko kuva mu mwaka w’2007, abasirikare bahurikiye muri AMISOM bariko barafasha ico gihugu kugarukana amahoro, mu gutana mu mitwe n’abarwanyi bahurikiye mu muhari w’intagondwa za al shebab.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.