Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Cameroun : 143 bo muri boko haram bagandaguwe mu gitero bagize - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun : 143 bo muri boko haram bagandaguwe mu gitero bagize

Cameroun : 143 bo muri boko haram bagandaguwe mu gitero bagize

mardi 13 Nzero 2015

Indwano zasubiye kwaduka hagati y’umurwi wa boko haram n’abasirikare b’igihugu ca Cameroun.

Muri iyo mirwano yatanguye kuva kuri uyu wa 12 Nzero, abantu bagera kw’143 barwana muri uyo murwi w’iterabwoba bakaba bapfuye, abandi benshi barakomereka. Ivyo bikaba biri mw’itangazo igihugu ca Cameroun cashize ahabona. Iyo mirwano yabereye mu gisagara ca Kolofata, ikaba yari yatumye abanyagihugu batari bake bata izabo, barahunga.

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru akaba yabariye abamenyeshamakuru kuri uyu muhingamo ko umutekano wasubiye kugaruka. Issa Tchiroma Bakary, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa Reta, akaba yemeje ayo makuru y’abo bari mu muhari w’intagondwa bagandaguwe.

Mukamenya ko ico gisagara ca Kolofata atari irya mbere giterwa n’abo barwanyi ba boko haram, aho bahejeje gutera bahora baca bitera mu gihugu ca Nigeria. Abaje gutera kuri uyu wa 12, bakaba bari bateye bataraguje, mu gihe bakiriwe n’abasirikare biteguye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.