Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Brésil : Indwara yo kuyonga kubera izuba iragisibije i Arras - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Brésil : Indwara yo kuyonga kubera izuba iragisibije i Arras

Brésil : Indwara yo kuyonga kubera izuba iragisibije i Arras

vendredi 9 Rusama 2014

Hari indwara yadutse mu gihugu ca Brésil, iyo ndwara igisibije ituma umuntu ayaga agahera kubera izuba. Bivugwa ko yoba iva kuri cancer yo mu maraso.

JPEG - 134 ko
Raba ingene iyo ndwara yagize Djalma Antonio Jardim

Arras ni akarere gatoyi kari mu gihugu ca Brésil, abanyagihugu bo muri ako karere barabangamiwe n’indwara yo kuyonga (fondre mu gifaransa). Uwuyirwaye ashobora kuyonga agahera kubera izuba. Ako gace kabamwo abantu bagera ku 800 batunzwe n’uburirimyi, abagera kuri 20 baragwaye indwara yitwa" xeroderma pigmentosum (XP)" kenshi iva ku bavyeyi (héréditaire). Uwufise iyo ndwara azirana n’imishwarara y’izuba.

Amakuru atangwa n’inkinyamakuru DailyMail, avuga ko abanyagihugu baba aho i Arras, benshi basangiye amaraso kuko barongorana hagati y’abo. Umuhungu ntakangwa kurongora mushiki we, canke umuhungu akarongora umwishwa we, eka n’abahungu baravyara kuri ba nyina. N’imiryango ntigira ikizira. Ivyo rero bimaze imyaka n’imyaka bimeze uko. Kubera guhanahana amaraso (amaraso aguma ari yayandi), hadutse indwara ya cancer yo mu maraso, ari nayo yoba ituma abo bantu bagira urukoba rudakomeye rushobora kuyonga ku zuba.

Djalma Antonio Jardim ni umurimyi aba i Arras aho iyo ndwara igisibije, afise imyaka 38, iyo ndwara ayimaranye imyaka 9. Izuru n’umunwa vyiwe vyarayonze birahera kubera izuba. Yahavuye arondera ikintu yipfukisha mu maso kugira anyegeze ubwo bushe. Abanganga bamaze kugerageza ku muvura incuro 50 ariko iyo ndwara yarabataye ku w’amazi.

abaganga bariko bagerageza ku muvura

Chérif Nkeshimana

Messages

  • ni hatari!ibara riraguy pe!

  • Numuvumo ivyo bakora Imana ntabwo yovyihanga nita nibatabare abamenye imana bihane bazokizwa Imana iracari kuntebe yimbabazi.

  • ewe ga ye!
    Ngira ngo ni umuvumo uva ku Mana Data wa twese ahoraho
    !!
    Ariko vyongeye,na bo nyene iyo mico yabo ni yo yindi! Har’umuntu mwabonye arongora nyina canke mushiki we ,canke umwishwa we? Hanyuma akemanga?!!
    Ntakundi ni baze bigumya,ariko bibuke ko Imana ikiri ku ntebe y’imbabazi!

  • NAKA MARAMAZA KUMVA BARONGORA NA BANYINA BABO BATIKEBUTSE NGOBA HINDUKE BASABE IMBABAZI IMANA BAZOHONA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.