Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingabo z’abafaransa zizogumizwa muri Mali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ingabo z’abafaransa zizogumizwa muri Mali

Ingabo z’abafaransa zizogumizwa muri Mali

samedi 6 Ndamukiza 2013

Mu rugendo yarimwo mu gihugu ca Mali, Umushikiranganji w’ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu, Laurent Fabius, yamenyesheje ko igihugu ciwe kigiye kurungika abasirikare igihumbi bamaho, bazofasha kubumbatira umutekano inyuma y’iyirukanwa ry’imirwi y’iterabwoba.

JPEG - 9.5 ko

Ivyo uwo mushikiranganji yabishikirije igenekerezo rya 5 Ndamukiza aho yari mu rugendo I Bamako, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, inyuma y’umubonano yagiranye n‘uwutwara igihugu ca Mali vy’imfatakibanza, Dioncounda Traoré.

Mu gihugu ca Mali kuva ku genekerezo rya 11 Nzero, igitigiri c’ingabo z’abafaransa zitegerezwa kuva ku bihumbi bine zigabanuke gushika ku bihumbi bibiri, imbere y’ukwezi kwa Mukakaro, ivyo bikazokorwa mu ntumbero yo kwubahiriza amasezerano yagizwe hagati y’ivyo bihugu vyompi ajanye n’igikorwa co gukura ingabo z’abafaransa mu gihugu ca Mali.

Umushikiranganji w’ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu amenyesha ko ico kiringo bumvikanye kizokwubahirizwa.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.