Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingabo z’ubufaransa zigiye kuvanwa muri Mali - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ingabo z’ubufaransa zigiye kuvanwa muri Mali

Ingabo z’ubufaransa zigiye kuvanwa muri Mali

mercredi 6 Ruhuhuma 2013

Nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi wa Reta y’ubufaransa umupfasoni Najat Vallaud-Belkacem, ngo kuri uyu wa 6 Ruhuhuma François Hollande, umukuru w’igihugu yemeje mu nama nshikiranganji ko ingabo z’ubufaransa ziri muri Mali zigiye kugabanywa.

Ku ruhande rwa Mali nk’uko bibandanya bishikirizwa na Najat, ngo umukuru w’ico gihugu yemeza ko vyose bigenze uko vyateguwe, ngo guhera mu kwezi kwa gatatu izo ngabo zizoba zatanguye kugabanywa.

Uwo muvugizi wa Reta y’ubufaransa Najat abandanya avuga ko bigoye gutanga itariki ntabanduka yo gukurayo izo ngabo.

Ngo mugabo vyose bigenze neza, ingabo nyafrika zikabandanya kuza gufasha aho muri Mali hamwe n’utwigoro tw’ishirahamwe rya Buraya, ngo yovuga ko mu kwezi kwa gatatu ingabo z’ubufaransa ziri muri Mali zizogabanywa biboneka.


Jean Michel Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.