Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingabo z’Ubufaransa ziriteguye muri Centrafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ingabo z’Ubufaransa ziriteguye muri Centrafrika

Ingabo z’Ubufaransa ziriteguye muri Centrafrika

mardi 3 Kigarama 2013

I Doual amu gihugu ca Cameroun, hitezwe abasirikare bashika 350 b’abafaransa hamwe n’ibiduga vy’indwano eka n’indege, mu ntumbero yo gufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika.

Abo basirikare bo mu gihugu c’Ubufaransa bazoja gufashanya n’abandi bo mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika nk’Uburundi n’ibindi, kugarukana amaho muri ico gihugu ca Centrafrika. Bakazoba bafise imiduga ikomeye, imiduga idatoborwa n’urusase imwe igendera imbere y’ibiduga vy’indwano bita blinde nk’uko bivurwa na capitaine Pierre de Briançon, arongoye uyo murwi wa mbere w’inteko z’abafaransa.

Abasirikare b’abafaransa bashika 200 bari mu gisagara ca Bangui, baja bashitse mu mpera z’iyi yinga twarangije baje gufashanya n’abandi guhagarika ubwicanyi bwari bwabaye ndanse muri ico gihugu, ubwicanyi abatari bake bagereranya nk’ihonyabwoko ryoba ririko riravuka muri ico gihugu ca Centrafrika.

Abasirikare b’abafaransa rero bagashobora kuzoshika ku 600 aho muri ico gihugu, aho bazoba barindiriye co kimwe n’inteko zo mu bihugu vy’Afrika ifirimbi kugira batangure kurondera intangondwa zigenda ziragandagura abantu ataco bazira, aho muri Centrafrika.

Zimwe mu ndege z'Ubufaransa
Abarwanyi ba seleka
Abarwanyi ba seleka ku birometero 75 vy'Igisagara Bangui

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.