Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka kw’ibarabara RN1 rifise ingorane zatanguye kwibonekeza kw’iduga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ingaruka kw’ibarabara RN1 rifise ingorane zatanguye kwibonekeza kw’iduga (...)

Ingaruka kw’ibarabara RN1 rifise ingorane zatanguye kwibonekeza kw’iduga ry’ibiciro

vendredi 28 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’aho hagwiriye imvura ikonona ibarabara rya Bujumbura - Bugarama, bigaca bisabwa ko imiduga minini minini yahora ica muri iryo barabara ica iza iraca mw’ibarabara rya RN7, bimwe mu bifungurwa vyaciye biduga, nk’uko vyibonekeza mu masoko amwe amwe yo mu gisagara ca Bujumbura.

Ushitse mw’isoko yo mu Kamenge, ubona ubuzima bwasubiye kugenda neza inyuma y’aho imvura yaguye mw’ijoro rishira uwa 10 Ruhuhuma yononye vyinshi, ndetse ikaba itasize inyuma n’iyo soko. Abadandaza bakaba barashoboye kwitunganya bonyene, baraheza barakura ivyondo vyari vyuzuye iyo soko. Ariko rero, icibonekeza kandi giteye amakenga abanyagihugu, akaba ari iduga ry’ibiciro vy’ibiribwa.

Umuceri wo mu gihugu ca Tanzaniya ugurwa amafaranga 2000 ku kiro, n’ayo uwo muri Mozambike, ugurwa amafaranga 1200, ibiharage vya Kirundo vyavuye ku mafaranga 1000 bija ku 1200, mu gihe ivy’umuhondo ubu vyavuye ku mafaranga 1300 bija ku mafaranga 1500, nayo ibiyoba ubu bigurwa 2700, kandi vyahora ku mafaranga 2000.

Ivyo vyose bikaba biva ku ngaruka z’uko ibarabara rya RN1 ritarekurira imidua minini kuhaca, iyo nayo ikaba ariyo izana ibidandazwa biva mu ntara z’Uburaruko. Abasumira mu masoko amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, bagasaba Reta ko yogerageza igakora uko ishoboye kugira iryo barabara rikorwe n’ingoga, kuko n’ivyahuha bishobora guhuhuka, mu gihe ubuzima buzimvye bwugarije abarundi na cane cane abanyagisagara ca Bujumbura, bwojamwo iduga naryo ry’ibiciro ku biribwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.