Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka ziri mu kunywa umutobe w’ivyamwa hagufungura ivyamwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingaruka ziri mu kunywa umutobe w’ivyamwa hagufungura ivyamwa

Ingaruka ziri mu kunywa umutobe w’ivyamwa hagufungura ivyamwa

jeudi 16 Nzero 2014

Inyigisho n’impanuro zitari nke zerekeranye no gufungura ivyamwa iminsi yose, ziramaze gutangwa ahatari hake kw’isi, na cane cane ko biri no mu bifungurwa ngirakamaro ku magara y’abantu, ariko abantu baritiranya ivyamwa hamwe n’umutobe uvuye muri vyo, bakibaza ko kunywa imitobe ivuye mu vyamwa arico kimwe no gufungura ivyamwa. Abahinga b’abongereza baraba ivy’amagara y’abantu, barerekanye ingaruka ziri mu mitobe ikozwe mu vyamwa.

Bavuga ko imitobe imwe imwe igurishwa ku masoko, iba ikozwemwo isukari nyinshi irengeye iyategerezwa kuba irimwo. Susan Jebb, umwigisha muri kaminuza y’i Oxford, avuga ko imitobe imwe imwe nk’iyikozwe mu micungwe n’ama manderena, usanga irimwo isukari ingana nk’iyiba yakozwe mu kinyobwa gikundwa cane ca Coca-Cola.

Mukibuka aho ko ikinyobwa ca Coca-Cola gikorwa mu tuyiko tw’isukari turenga kuri dutanu kw’icupa. Ivyo navyo bikaba vyihanikijwe mu gisata c’ubuvuzi kuko vyonona amagara y’abantu, mu gutera indwara zitari nke mu mubiri, na cane cane indwara y’igisukari yica nabi. Umutobe w’ivyamwa wonyene, akenshi bawukorana isukari nyinshi, abantu bagaca bawunywa cane, bakibaza ko ari vyiza ku magara yabo kuko baba banyoye uw’ivyamwa. Susan Jebb ati : “Umutobe ukozwe mu vyamwa sico kimwe n’icamwa ubwaco”.

Ikindi naco abantu batari bakwiye kwibagira, imitobe y’ivyamwa yo mu bikarato, usanga akenshi bayishiramwo ifu “poudre” n’ibindi birambisha kugira zimare igihe kirekire zitarononekara, mu kurindira ko abantu bazigura. Iyo umuntu ataravye igihe zakorewe, agapfa kunywa, bishobora gutera ingaruka mbi ku magara yiwe. Abanonosoye ikorwa ry’imitobe y’ivyamwa, bahanura abantu kwirinda gupfa kunywa iyo mitobe, bataravye ivyayikozwemwo "ingrediens". Mu gihe basanze harimwo isukari nyinshi, bokwongeramwo amazi kugira iyo sukari igabanuke. Ariko, vyiza boza barahitamwo gufungura cane ivyamwa kurusha kunywa imitobe yavyo.

Mwokwibuka ko uwufunguye ivyamwa bimurinda gusubira kurondera gufata ikindi kintu icarico cose gisosa, maze akaba yirinze ingaruka zoba zivuye kw’isukari nyinshi mu mubiri.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.