Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingaruka zivuye ku gufungurana igihababu cinshi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingaruka zivuye ku gufungurana igihababu cinshi

Ingaruka zivuye ku gufungurana igihababu cinshi

samedi 28 Kigarama 2013

Kutaronka iminsi yose ico umuntu yari yipfuza gufungura, guhahamukira kuronka ivyo uwundi yaronse canke kugira umunoho, kugira inzara n’ibindi, biri mu bituma umuntu afungurana igihababu cinshi iyo abironse.

Gufungurana igihababu ni inyifato ikunze gushika kenshi iyo umuntu afunguye ikintu yaheruka kera canke yari yipfuza cane. Iyo nyifato yibonekeza cane nko ku ma manza canke mu minsi mikuru.

Ariko iyo umuntu afunguye umutima utari mu nda, nubwo izo mfungurwa aba agire afungure ata ngaruka mbi ziba zifise ku magara yabo, bishobora kumutera izindi ngorane kuko aba yamize ifungurwa zitaba zihekenye neza.

Kugira imisonga, kuribwa, kuyorwa, kugira isevu, gutumwatumwa, gucibwamwo, guhagurwa, no kwumva ko ata kintu wokwimarira muri ako kanya, ni bimwe bishobora guturuka kugufungurana igihababu cinshi. Iyo rero umuntu aticungereye, bishobora no kumuhitana.

Iminsi mikuru iyo igeze, abatari bake barayitegurira mu buryo butandukanye. Ku bijanye no gufungura, abantu baragerageza gufungura ivyo batahora bafungura mu kwinezereza. N’uwutifise arita k’urutare, agakubita inzu ibipfunsi, akarondera ico yofungura anezerewe. Akenshi iyo babironse, hari abatigerera, bagafungurana igihababu, mbere bakanarenza urugero mu gufungura.

Abahinga mu bijanye no gufungura, bavuga ko iyo umuntu afunguranye igihababu, umutima utari mu nda, bishobora gutuma n’umushishito wiwe waguka, ntabe agihazwa nivyo yahora afungura iminsi yose. Bituma kandi n’ibiro vyiwe biduga mu buryo budasiguritse.

Bahanura ko umuntu wese yofata umwanya ukwiye ariko arafungura, agufungura umutima uri mu nda ataco yihutira. Mu minsi mukuru naho, abantu bokirinda gufungura cane ivyo batahora baronka, bakigerera kugira umushishito ntugire ingorane.Iyo umuntu abikoze uko, nivyo ariko afungura bimutemba neza.

Mwokwibuka ko iyo umuntu afunguranye umutima mu nda, umushishito usya neza ivyo uba uronse maze n’umuntu agahaga yamaze gufungura ivyo umubiri uba ukeneye muri ako kanya.


BUKURU Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.