Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingene imirwi y’Uwongereza izohura mw’ihiganwa vyamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ingene imirwi y’Uwongereza izohura mw’ihiganwa vyamenyekanye

Ingene imirwi y’Uwongereza izohura mw’ihiganwa vyamenyekanye

jeudi 20 Ruheshi 2013

Muri iryo higanwa ry’umupira w’amaguru rirekundwa n’abantu benshi kw’isi, kugeza ubu bivugwa ko abantu bagera ku miriyaridi 4.7 umwaka uheze aribo bayiravye. Imiriyaridi 1.2 z’amafaranga yo mu bwongereza niyo yavuye mu bantu baravye izo nkino biciye ku mboneshakure.

Ubu hakaba haraye hamenyekanye uko iryo higanwa riza kuba rimeze uyu
mwaka, ni ukuvuga uko imirwi yo mu gihugu c’ubwongereza izotane mu mitwe.
Bikaba bikomeje kuvugwa ko uyu mwaka iryo higanwa rizogira ihinduka
kuko ni ubwa mbere rigiye kuba ritarimwo umumenyereza Alex Ferguson,
ikindi naco imirwi myinshi ikaba ifise abamenyereza bashasha.

Man United ifise umumenyereza “Moyes” atari mushasha muri Premier
League, gusa mushasha mu murwi wa Man United, akaba azoba afise akazi
gakomeye ko kurondera ingene yogumana igikombe uyu murwi watwaye ku
nshuro ya 20 umwaka waheze.

N’iyindi mirwi myinshi izoba ifise abamenyereza bashasha nk’umurwi wa
Chelsea uzoba ufise Jose Mourinho yaje avuga ko atakiri "Special one"
ahubwo ko ubu asigaye ari "Happy One" nk’uko yabitangarije
abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 10 Myandagaro 2013.

Man City nayo izoba ifise umumenyereza mushasha, ari n’ubwa mbere aje kumenyereza umurwi wo mu Bwongereza akaba yitwa Manuel Pellegrini yaje ava
mu murwi wa Malaga, mu gihugu ca Espagne.

Umumenyereza Arsene Wenger wa Arsenal ubu niwe mumenyereza azoba amaze
igihe kinini muri iryo higanwa kuko azoba ari umwaka wa 18 kuri we,
ari muri Arsenal.

Inkino zizotangura kw’igenekerezo rya 17 z’ukwezi kwa Myandagaro hama
izorangire kw’igenekerezo rya 11 z’ukwezi kwa Rusama 2014.

Uko imirwi izohura bikaba bimenyekanye hasigaye iminsi 58 ngo iri
higanwa ritangure, imirwi rero ikaba izohiganwa muri ubu buryo ku munsi wa mbere w’ihiganwa igenekerezo rya 17 Myandagaro 2013:

Arsenal izohura na Aston Villa
Chelsea na Hull City
Crystal Palace na Tottenham Hotspur
Liverpool na Stoke City
Manchester City na Newcastle United
Norwich City na Everton
Sunderland na Fulham
Swansea City naManchester United
West Bromwich Albion na Southampton
West Ham United na Cardiff City

Umurwi wa Cardiff City, Hull City na Crystal Palace niyo yaje ari
mishasha muri rino higanwa uyu mwaka ikaba ifise akazi gakomeye ko
kurondera ingene yoguma mu ciciro ca mbere.

Inyuma y’umunsi wa mbere, mu ndwi izokurikirako, umurwi wa Chelsea
izasanga umurwi wa Man United ku kibuga Old Trafford, urukino
bigaragara ko arirwo rwa mbere ruzoba rukomeye mw’ihiganwa ry’Ubwongereza uyu mwaka.

Twibutse ko kugura abakinyi no kubadandaza bibandanya gushika
kw’igenekerezo rya 31


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.