Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingene wokwishirira interineti muri telephone yawe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Ingene wokwishirira interineti muri telephone yawe

Ingene wokwishirira interineti muri telephone yawe

jeudi 14 Ntwarante 2013

Mu gihe igihugu cacu gikomeza gutera intambwe mw’iterambere, ninako abantu benshi barushirizaho kwitabira gukoresha ibikoresho vy’ubuhinga bwa none, n’itumatumanako nk’inyabwonko,telefone ngendanwa n’ibindi.

Mu vyo bakunze gukoresha cane gusumba ibindi harimwo interineti, tukaba tugiye kurabira hamwe uko woshira interineti muri telephone yawe ku buntu.

Nk’uko tubikesha urubuga http://maliso.hubpages.com, gushira interineti muri telephone bisaba kuba utunze telephone irimwo ubuhinga bwa web, internet canke connectivity, maze ukagenda wuzuza ibisabwa bivanye n’ubwoko bwa telephone, ndetse n’ikigo c’itumatumanako ukoresha. Dufate akarorero ku bantu bakoresha umuhora wa ECONET.

• Uko wobigenza kuri telephone nyinshi za Nokia

Injira muri Menu, Settings, uje muri Configuration, Personal Configuration Settings, Options, Add New, Acces Point,
Ugiye ahanditse Account Name wandikemwo izina y’ikigo cy’itumanako ukoresha, akarorero (ECONET), hama OK ;

Uce uja ahanditse Acces Point Settings, Bear Settings
Hanyuma uje ahanditse Packet Data Access Point wandikemwo :
-  mobile.econet.bi – (abakoresha ECONET)
-  ucwap (abakoresha LEO)
-  internet (abakoresha TEMPO)
Ja ahanditse Network Type uhitemwo IPv4, uce wemeza ufyonde OK;
Ja ahanditse Authentification Type uhitemwo Normal, emeza,ufyonda OK;
Kurikizako kuri User Name :uharekere uko no kuri password uharekere uko,
Subira inyuma ufyonde Back incuro zitatu.

Rondera izina washizemwo uheze ufyonde Options, uhitemwo Activate.

• Uko woyishiramwo muri telefone bita izinshinwa( Chinese phone)

Injira muri Menu, Settings, Connectivity, Data Account. Fyonda Options, Add.
fyonda ahanditse Account Name, wandikemwo izina ry’ikigo cy’itumatumanako, akarorero “ ECONET GPRS”.
Injira ahanditse APN uhandike:
-  ucwap (abakoresha LEO);
-  mobile.econet.bi (abakoresha ECONET)
-  internet (abakoresha TEMPO)

Raba ahari ijambo username wandikemwo (web) canke uhareke ata canditsemwo.
Kurikiza ahanditse password wandikemwo (web) canke uhareke atacanditse ho.
injira ahanditse auth. type uhitemwo (normal).

Injira ahanditse Primary DNS wandikemwo 000.000.000.000 ndetse na Secondary DNS ushiremwo 000.000.000.000. Maze ufyonde kuri Done.

Subira inyuma uje kuri Menu, uje muri Services, internet services.

injira muri Settings, hanyuma kuri Profiles, uhitemwo SIM y’umuhora uzagukoresha kuri internet.

Uhejeje kwinjira fyonda kuri Add. Muri Profile Name andikamwo Mywap, wemeze na OK;
Kuri Homepage andikamwo: http://www.google.bi
Injira ahanditse data account, GPRS, uce urondera ahanditse Econet GPRS (cg irindi zina washizemwo)
Connection Type: hitamwo HTTP;
Username: uyihoze
Password: uyihoze.
Ca ufyonda Done, hanyuma wemeze ufyonde YES.

Uko woshira umurongo wa internet muri Blackberry

Menu, Options, advanced options, tcp/ip, emeza ahanditse APN Settings Enabled
Andikamwo :
-  mobile.econet.bi (ECONET)
-  ucwap (LEO)
-  internet (TEMPO)

Mu gihe urangije ibivyavuzwe haruguru telephone yawe iba ifise ubushobozi bwo kwakira interinet mu gihe ufise amafaranga yo guhamagara, mu nyuma mushobora gutangura kuyikoresha.

twobabwira ko habaho telephone zigira interineti zisangije haba mu kwishurwa canke mu gushirwa muri telefone bikaba biterwa n’ikigo c’itumatumanako uko cabishatse. Akarorero abanywanyi ba TEMPO bategerezwa kuja ku biro vyayo bibegereye bakandikisha SIM yabo kugira batangure gukoresha internet.

Abakoresha telephone zo mu bwoko bwa Blackberry, kugeza uyu munsi ntakigo kirafatanya na Motion Limited ikora telephone zo mu bwoko bwa Blackberry kugira bashobore gukoresha internet yitwa BIS (Blackberry Internet Service) hano mu Burundi.


Nsengiyumva Paterne

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.