Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingenzi zo muri Aziya zarazimiye,mugihe zari mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingenzi zo muri Aziya zarazimiye,mugihe zari mu Bufaransa

Ingenzi zo muri Aziya zarazimiye,mugihe zari mu Bufaransa

mercredi 16 Nzero 2013

Mu gihe bashaka kuja mu gisagara ca Lourdes,abakerarugendo babiri bari bavuye mu bihugu vya Aziya baruhukiye kuri uyu w’Imana mu gisagara ca Leuham,bahenzwe n’urushinge rw’imashini yagenda irabereka iyo baja rutari ruregeye neza ,nk’uko bishikirizwa n’uwa babonye.

Abo bakerarugendo bava mugihugu kitazwi co muri Aziya nkuko vyavuzwe n’uwabibonye ati « baje kundaba bafise urupapuro babikishirijeko uburaro i Lourdes … maze kubona Lourdes 65100 navuze nti : ico kibanza sico ! » GPS y’imodoka bakotesheje kukibuga c’indege ca francilien de Roissy yerekana agasengero ka Notre-Dame-de Lourdes mu kigwati ca Breton aho kuba mugisagara ca Pyreneenne kiri ku birometero 800 uja mu bumanuko.

Uyo muntu yabakiriye akaba yavuze ko baribabuze iyo baja n’iyo bava kandi ko bari bihebuye,akaba yaciye abafasha mu kubazimurura ariko ngo ntivyari vyoroshe kuko ata ru rimimi rw’igifaransa bunva canke ngo bavuge.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.