Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingeso yo guturira amashamba yasubiye kwiyadukiza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ingeso yo guturira amashamba yasubiye kwiyadukiza

Ingeso yo guturira amashamba yasubiye kwiyadukiza

mercredi 5 Ruheshi 2013

Kuri uyu munsi wa gatatu igenekerezo rya 5 ruheshi 2013, amakungu ahimbaza umunsi wahariwe ibidukikije. Icivugo c’uyu mwaka ni : Gufungura, kwiyumvira, n’ukubika ahadata.

Kuri uyu munsi rero abakurikiranira hafi ibidukikije haba mu mashirahamwe mpuzamakungu canke amashirahamwe yo mu Burundi, bagize ico babivugako. Ku bwa Irina Bokova umunyamabanga mukuru wa UNESCO, asaba ko intabire zokoreshwa mu ntumbero yo kurwiza umuwimbu kw’isi yose na rirya abantu bangana imiriyoni 870, badafundura ibikwiye. Abandanya amenyesha ko abantu bokoresha ubhinga bw’indimo budatitura isi, ariko bugatuma umwimbu urwira.

Mw’ishirahamwe abagenzi b’ibidukikije naho, basaba abanyagihugu kuvira hasi abantu baturira amashamba. Umukuru w’iryo shirahamwe Mamert Sabushimike rero avuga ko guturira amashamba bituma ibinyabuzima bihona, abantu, isi ndimwa igatituka.
Guturira amashamba bikunda kwibonekeza mu mezi y’ici, ubu naho iyo ngeso yatanguye kwibonekeza mu makomine ya Butezi mu ntara ya Ruyigi, ku Mudubugu muri komine ya Nyanza Lac n’ahandi.

Mamert Sabushimike asaba abarongoye abandi mu ntwaro, abajejwe umutekano, abari mu mashirahamwe yo gukingira ibidukikije n’abandi, gukorera hamwe mu ntumbero yo gukingira ibidukikije, no mu guhasha abaturira amashamba ku mvo iyariyo yose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.