Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingeso zikorwa ku kazi zituma abantu bavyibuha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingeso zikorwa ku kazi zituma abantu bavyibuha

Ingeso zikorwa ku kazi zituma abantu bavyibuha

samedi 15 Ruheshi 2013

Kugira ibinure birengeye ni kimwe mu bituma abantu bagira ingorane zo guhema bikabatuma badashobora kurangura imirimo yose bariko barakora. Ikibabaje n’uko benshi bipfuza kugabanuka, atari kugira bagire amagara meza, ariko kugira bashimwe n’abantu.

Hari ingeso mbi ziri mu bituma ibiro vy’abantu vyongerekana ziheruka kwerekanwa n’umushakashatsi Lucie Marie, yagize itohoza ku bantu batari bake ku bijanye n’ubuzi bukorwa mu mirimo ya minsi yose.

Mw’itihoza yagize, igice c’abakozi boba barongereje ibiro kuva aho batanguriye gukora akazi kabo. Ivyo bikaba vyatewe ahanini n’ukungene baguma bicaye mu biro no kugira imyitwarariko irengeye y’ubuzima bwa minsi yose.
Kugira imyitwarariko irengeye no kuguma wicaye umwanya muremure mu kazi, bifise ingaruka ku magara y’abantu.

Nkukw’itohoza ryakozwe ku bakozi bagera ku 3600 b’abanyamerika ribitwereka, ibice bigera ku 40 kw’ijana muribo barabonye ibiro biduga kuva aho batanguriye akazi barimwo. Vyoba bivugwa kandi ko hari ubuzi butuma abantu bagira izo ngeso mbi zituma ibiro biduga, kurusha ubundi.

Iyindi ngeso yigarageje, iyo umuntu yiriwe yicaye umunsi wose imbere y’imashini yiwe, ntaronke n’umwanya wo gutambuka n’iminota 30 kugira agorore imitsi, biratuma ibiro biduga.

Abo izo ngaruka zikarira cane, ahanini n’abarongozi kuko bo bisaba ko baguma baraba ibiriko birakorwa mu kazi barongoye, abo nabo bagera ku bice 69 kw’ijana, hagaca hakurikira abahinga b’abubatsi bagera ku bice 56 kw’ijana, hama n’ abagisha bagera ku bice 51 kw’ijana.

Namba kwirirwa wicaye umwanya muremure canke kuguma ataco uriko urakora ari inkwezi yo kugira ibiro birengeye, kugira umwitwarariko urengereye w’ubuzima bwa minsi yose navyo nyene ni ingorane ku magara y’abantu kuko ahanini vyaragaragaye ko arivyo bituma ibiro biduga cane.

Kwinonora imitsi, ntaco bimaza mu gihe umuntu aguma ari mu myitwarariko y’ubuzima irengeye. Ku matohozwa yakozwe, ibice 51 kw’jana vy’abaganga baguma biruka kuvura abarwaye n’abandi bakora ubuzi butuma birirwa bahagaze canke bataguma hamwe, vyaragaragaye ko n’abo nyene bafise ingorane yuko ibiro vyabo biguma biduga.

Izo ngeso mbi zikaba zitegwa n’uko iyo abantu bafise imyitwarariko y’ubuzima, baca bashaka kuguma bafungura umwanya wose. Ivyo ni ivyagaragaye ku bantu bagizweko itohoza bagera ku bice 35 kw’ijana.

Izo ngeso mbi zose zagaraye nk’izituma ibiro vyongerekana zigera kuri zitanu :
1) Kwicara umwanya muremure

2) Kuguma ataco uriko urakora

3) Kugira imyitwarariko y’ubuzima irengeye

4) Gufungura umwanya wose

5) Gufungurira ku kazi imbere y’imashini

Kugira ibiro bigabanuke, ni vyiza gufungura umwanya wagenewe, umuntu akirinda no gufungurira ahariho hose. Ku bijanye n’imyitwarariko irengeye nayo, vyiza yokwirinda gushavura, akarondera ibimutwenga bituma ivyiyumviro bibi bigabanuka. Ikindi naco n’ukurondera nk’iminota 30 y’imyimenyerezo ku munsi kugira imitsi inonoke. Gutyo, indwara zifatira mu gikiriza zizoheza zigabanuke.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.