Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingingo 10 zo kwemera kunegurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingingo 10 zo kwemera kunegurwa

Ingingo 10 zo kwemera kunegurwa

vendredi 1er Ruhuhuma 2013

Ntivyama vyoroshe kwemera impanuro zitanzwe n’umukoresha canke uwo mukorana ku kazi naho zoba ari izubaka gute.Ariko rero umuntu ashobora kuzikuramwo ibintu vyinshi vyiza bifasha mu kazi.None vyogenda gute kugira umuntu yemere izo mpanuro?

1.Kwiyorosha

Kenshi na kenshi impanuro zirababaza naho bizwi ko ziba zifise ishingiro.Impanuro rero ntizivuga ko ivyo umuntu akora aba ari bibi iminsi yose.Nta numwe ari umweranda.Impanuro ntizitume mushavura.

2.Kwemera ukuri

Kuba intungane ni vyiza,biratuma umuntu aboneka ko akora neza mu kazi,birerekana kandi ko umuntu akuze.Ivyo biratuma kandi umukoresha abona ko wemera ibitagenda neza.

3.Kuterekana aho uhagaze ako kanya

Ntakibuza ko umuntu yishura mu mwanya baba bariko baramuhanura ariko kubikora werekana ko ukase ni ikosa.Ivyo bituma umuntu yiyumvira ku mpanuro ahawe ko ifise ishingiro canke atayo ifise.

4.Gushira ibintu ahabona

Naho nyene ico impanuro zari zishingiyeko mwoba mwakivuze mwiherereye, ntakibuza ko mwoja ku meza mukaganira,bituma rero amakenga yoshobora gutuma akazi katagenda neza avaho.

5.Kuba umuntu atahura

Ivyo biratuma haba iterambere mu migenderanire hagati yawe n’uwuguhanura.Niwiyumvire ko iki gikorwa ciza co kuguhanura kitamworoheye kandi ko abigira ku neza yawe.

6.Kwihweze neza uwuguhanura

Ushobora kwiyumvira ko uwuguhanura atabikoze mu butungane? Genzura urabe uwo aguhanura kandi uraba ko womenya igituma abigize.

7.Kutemera ko yofata umwanya wo guhanura wewe gusa

Umukoresha ashobora kuguhanura bitajanye n’amategeko kandi akaze. Urashobora kubaza uwundi mukuru ico yobivugako,bibaye ngombwa ukabaza abo mukorana ko nabo baronka impanuro nk’uko uzironka,kuko hariho n’abakoresha babi.

8.Kumenya uburenganzira bwawe

Shira mu mutwe ko ufise uburenganzira bwo guhabwa icubahiro kigukwiye naho woba wakoze ikosa.Impanuro zitegerezwa kuba izubaka kandi zitanga iteka. Kumenya ko mushobora kwirukanwa kubera ikosa mwakoze.

9.Gusaba umuco

N’aho bokubwira ko igikorwa cawe ari ciza, baza neza aho woteza imbere canke ihangiro woshikako.

10.Gushima

Shimira ubwa mbere uwuguhanura,hanyuma nawe wishimire iyo izo mpanuro wazakiriye neza.


Nadege Ngoti

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.