Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingoma y’Ububirigi iramutswa umwami mushasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ingoma y’Ububirigi iramutswa umwami mushasha

Ingoma y’Ububirigi iramutswa umwami mushasha

dimanche 21 Mukakaro 2013

Mu gihugu c’Ububirigi, umwami Albert II yasubiriwe n’umuhungu wiwe Phillipe, ari nawe ahava arahira icese imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka ko agiye kuramutswa ayo mabanga.

Philippe abaye umwami agira indwi, akaba ahava arahira icese mu ndimi zitatu zikoreshwa muri ico gihugu. Imbere y’uko abisa muri ayo mabanga umuhungu wiwe, Albert II yahora aramutswa ingoma y’Ububirigi yamenyesheje ko yizeye umuhungu wiwe, ko afise ubwitonzi, ubwenge n’umutima bikwiye kugira ashobore kumusubirira.

Mu birori vyo kwimika uwo mwami mushasha hakaba hategekanijwe ko batangurira ku nkuka y’imisa kuri cathédrale des Saints-Michel-et-Gudule mu gisagara ca Bruxelles, aho umuryango w’umwami uzoba waje gutera iteka ivyo birori. Mu nyuma y’ivyo, umwami yahahora arashikiriza ijambo, maze mushasha abone kurahira icese.

Mu gicugu c’isaha zitanu z’ijoro, mu gihugu cose baraza kwatsa imuriro w’umunezero (feux d’artifice)

JPEG - 10.6 ko
Umwami mushasha w’Ububirigi ari kumwe n’umutambukanyi wiwe umwakikazi Mathilde

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.