IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ingorane mu mashure nshingiro zibandanya kwibonekeza

Ingorane mu mashure nshingiro zibandanya kwibonekeza

mercredi 10 Nyakanga 2014

Muri iki gihe amashure agiye gutangura, abavyeyi bafise abanyeshure mu mashure nshingiro baribaza ico abana babo bazoba bagiye gukora mu gihe mu mashure nshingiro hibonekeza cana ubukene bw’intebe, n’ibindi bikoresho.

Ibindi bibazo vyibonekeza cane n’ubukene bw’ibitabo vy’abanyeshure bakoresha bariko bariga hatibagiwe ubukene bwabigisha mu bice bimwe bimwe vy’igihugu. Ubushikiranganji bw’amashure matomato na yisumbuye buvuga ko buzi ivyo bibazo bugasaba abavyeyi kw’iyungunganya, bakaba baragurira abana babo ibitabo kugira abana bashobore kuja mw’ishure, bashobore kwiga mugihe barindiriye kw’amasoko abayatsindiye batangura kuzana ivyo bikoresho. ku vyerekeye abigisha, bikavugwa ko bagiye guha akazi abigisha 2000 bazofasha mu mashure nshingiro mu gihe nabonyene bazi ko badakwiye.

Abavyeyi bavuga ko bigoye kugurira ivyo bitabo abo bana babo bakeneye kw’ishure mu gihe n’amashure nshingiro akiri mu ntango. ubwo bushikiranganji bubijejwe bukwiye gukwakwanya gutorera inyishu ivyo bibazo, kuko abandi bugarijwe n’ ubukene tutibagiye ko abavyeyi beshi arabirimizi batazi iyo ivyo bitabu bigurirwa.


Anitha Bizimana

Messages

  • Nukuri kuvaho abanyamigambwe baryaniye sivuba kuberiki nububatabireka ntimubonakwaribobatuma Uburundi buguma busubirinyuma amoko araturigwa abantubaricwa ingorozigambwe ziraturirwa kuberiki batokwicarahamwebavyumikane bananirwe nukwumvikana bose bavugikirundi•Murakoze•

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.