Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingwe yarariye umuntu aca aritaba Imana mu bwongereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingwe yarariye umuntu aca aritaba Imana mu bwongereza

Ingwe yarariye umuntu aca aritaba Imana mu bwongereza

samedi 25 Rusama 2013

Umwe mu bakozi bakorera mu mazu bororeramwo ibikoko mu gihugu c’Ubwongereza yitavye Imana inyuma y’ukuribwa n’ingwe agakomereka bikomeye kuri uwo wa gatanu, nk’uko vyamenyeshejwe n’igipolisi co muri ico gihugu kuri uyu wa gatandatu.

Sarah McClay w’imyaka 24 y’amavuko(umugore akiri muto asanzwe aturuka muri ako karere) yariwe n’ingwe kuri uyo wa gatanu mu ruzitiro rwa South Lakes Wild Animal Park iri Dalton-in-Furness mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu c’ubwongereza. Yatwawe kwa muganga n’indege iri mu bwoko bwa kajugujugu aho yaragiye kwivuza ibikomere.

Igi polisi n’abategetsi bo muri ako karere batanguye amatohoza kugira bamenye icatumye imurya. Kubw’abajejwe amatohoza, iyo ngwe yaciye yugaranirwa mu ruzitiro rwayo inyuma yo kumurya

Iryo yororero ryaciye ryugarwa vyihuta baca basaba abari basanzwe bagiye kuratira ijisho bose gusubira iyo bavuye.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.