IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inka zirenga ibihumbi cumi nizo ziriko zirayerera mw’ishamba rya (...)

Inka zirenga ibihumbi cumi nizo ziriko zirayerera mw’ishamba rya Rukoko

vendredi 14 Munyonyo 2014

Inka zirenga ibihumbi icumi nizo ziriko zirayerera mw’ishamba cimeza rya Rukoko, kuva aho amararo yazo abomorewe ayandi agaturirwa.

Mu gisirikare bavuga ko ayo mararo yasambuye mu ntumbero yo gucungera neza umutekano w’abanyagihugu, no kubuza imirwi yose iva mw’iryo shamba iza guhungabanya umutekano i Gihanga no mu micungararo. Igitero rero cabaye muri iyi ndwi, kikaba caje gisongera isibe, aho aborozi co kimwe n’abungere bavuga ko cabaye nko gukabura agashavu kari kamaranye iminsi abasirikare. Abungere rero bakaba kuva kuri uyu wa gatatu bariko bararondera inka zazimiye, mu gihe abo bungere banemeza ko hari izazimiye, utunyana natwo duto tutasohoka bakavuga ko dushobora kuba twarapfiriye muri izo raro.

Aborozi bavuga ko bababajwe n’iryo yirukanwa ry’inka zabo, bakavuga ko bari kubisabwa, bonyene bagashobora kwikurirayo inka zabo zitarinze kwirukanwa uko ziriko zirangara ubu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nizaba DD gusa ntawutavuga rumwe nubutegetsi yarajise inka harya. Nibaduze imitwe rero tura nabazirikare babikoze ko iyaba arigi Police cabikoze ndibaza nkuwararongoye iryosekeza aba ari mumvuto ubu nabasirikare ahubwo twosaba umukuru wigisirikare ko yorungika abaja guhiga. Barukoti nabo kuko nizambonerakure zava ondes kuko bakorana nigipolice mukwiba nukwica twosaba igisirikare cuburundi kutagira aho gihengamira ko cokorera abanyagihugu bose bataravye imigambwe canke amoko

  • @ Mvuzo, urazi ico abarundi bita imvuzo? Niwabukizi irizokoko!!!

  • BIRATAGAJE BARUNDI NTAHO VYAKABAYE KWAGAZA INKA URUMURUNDI NUKO URI UMUSIRIKARE MWAMEJE NKA MACOCO NIMWISUBIREKO INKA NAGARAGA • MURAKOZE

  • Mbe harya ntizonona ibidukikije?Nibazirimire ivyatsi canke bazikwiragize mu banyagihugu bironderare umwavu wogutabira,nibazitubitse dusangire aryamata,kareho ntizarirwacu bazinyaze en72 ngonizabamenja ,ntamu DD afise inka,yayikuyehe? abobungerenabobaratomboyebazozigurishabacebavugakozazimiye,uwoagumaagangamukanawe,amenye ko abasirikare atari aba dd, bacunze umutekano w’igihugu cose, inka nizashwara mu gisagara zikabuza abantu n’imiduga kurengana abapolisi nabo bazokora akazi bajejwe...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.