Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukino rwa nyuma rurateye ubwoba abamenyereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urukino rwa nyuma rurateye ubwoba abamenyereza

Urukino rwa nyuma rurateye ubwoba abamenyereza

samedi 1er Ruhuhuma 2014

inkino z’amahiganwa ya CHAN umwaka w’2014 zirarangira ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu. Imirwi ya Ghana na Libiya yose yiruka iraba inzira imwe irimwo igikombe gisa n’ikitoroshe kuronka.

Igihe c’isaha zibiri z’ijoro «20h00» kw’isaha yo mu Burundi, kuri iri genekerezo rya 01 Ruhuhuma, ku kibuga kiri i Cap iryavuzwe rirataha. Igikombe c’amahiganwa ya CHAN 2014 kiratangwa ku murwi uza gutsinda hagati y’umurwi wa Libiya n’umurwi Ghana.

Javier Clemente ava mu gihugu ca Espagne, ni umumenyereza w’umurwi wa Libiya. Yavugiye kuri «RFI : Radio France Internationale» ko umurwi wa Ghana bahura atari umurwi woroshe kuko ufise ubuhinga, kandi ko afise abakinyi bakiri bato mu mahiganwa nk’ayo. N’aho biri uko, arafise icizere co gutsinda kugira bibagize intambara benewabo barimwo muri Libiya.

JPEG - 50.8 ko
Javier Clemente, umumenyereza wa Libiya

Kuri iyo nsamirizi y’Abafaransa nyene, Maxwell Konadu amenyereza umurwi wa Ghana, amenyesha ko umurwi wa Libiya atari uwo guta mu nda nsa. Maxwell ati : «tuzohura n’umurwi utoroshe, n’ukuhagabira, kuko n’umumenyereza w’uwo murwi afise ubuhinga». Afise ubwoba ko Inyenyeri zirabura «Black Stars» zihava zitsindwa kubera uburuhe bagize mu rukino bakinye ari abakinyi 10 bakina n’umurwi wa Nigeriya mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma.

JPEG - 260.5 ko
Maxwell Konadu, umumenyereza wa Ghana

Amajambo yashikirijwe n’abo bagabo 2, yumvukina ko iyo mirwi itinyana, bigasigura ko intsinzi iza kuva ku mukenyuro mushasha iyo mirwi iza kwerekana narirya kahise k’iyo mirwi kerekana ko bazinanye cane.

Mbega none ico gikomba gitaha muri Ghana canke muri Libiya? Inyishu ni inyuma y’urukino rutangura igihe c’isaha zibiri z’ijoro

JPEG - 68.5 ko
umurwi wa Libiya

Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.