Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkino za UEFA "Champions Ligue" ziratangura kuri uyu wa kabiri - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inkino za UEFA "Champions Ligue" ziratangura kuri uyu wa kabiri

Inkino za UEFA "Champions Ligue" ziratangura kuri uyu wa kabiri

mardi 17 Nyakanga 2013

Ihiganwa ry’igikombe gihuza imirwi y’iburaya yatwaye ibikombe mu bihugu vyayo [UEFA Champions League ] ku ncuro ya 59 riratangura kuri uyu wa kabiri. Imirwi 74 niyo izokwitaba iryo higanwa, ikaba izogenda ikurakuranamwo mu majonjora. Urukino rwa nyuma ruzokwerekana umurwi uzosubirira Bayern Munich ifise ico gikombe c’umwaka uheze ruzobera muri Portugal, kw’igenekerezo rya 24 Rusama 2014.

Kuri uyu wa kabiri w’igenekerezo rya 17 Nyakanga, haza kuba inkino kuva mw’itsinda A kugera muri D, inikino zose zitangura isaha zibiri n’iminota 45 z’umugoroba ku masaha y’i Bujumbura.

Imirwi 12 izokina inkino zo mu matsinda yahinduye abamenyereza, mu gihe umurwi wa FK Austria Wien ariwo mushasha uyu mwaka.

Itsinda A

Manchester United ( Ubwongereza) izohura na Bayer Leverkusen yo mu Budagi), Real Sociedad (Espagne) izohura na Shakhtar Donetsk (Ukraine)

Umumenyereza mushasha wo muri Manchester United, David Moyes arakira abadage bo muri Bayer Leverkusen.Uwo mumenyereza akaba yari aherutse gukina UEFA Champions Ligues mu mwaka w’2005, aho yamenyereza umurwi wa Everton wakuwemo na Villa Real mu nkino z’ijonjora.

Moyes azokwakina urwo rukino adafite abakinyi nka Shinji Kagawa, Danny Welbeck, Phil Jones kuko bafise ikibazo c’imvune. Umukinyi Nani yahagaritswe kubera ikarata y’itukura yahawe umwaka uheze ku rukino rwa Real Madrid, nayo Adnan Januzaj ntarekuriwe gukina gushika kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu 2013.

Itsinda B

FC Copenhagen (Danmark) izohura Juventus (Ubutariyani), Galatasaray (Turukiya) ihure na Real Madrid (Espagne)

Inyuma y’amasezerano y’imyaka 4 muri Real Madrid ya Gareth Bale, nk’umukinyi yaguzwe amafaranga menshi kw’isi, Christiano Ronaldo avuga ko bafise umurwi ukomeye, mbere n’umumenyereza, ku buryo bashobora gutahukana igikombe c’iryo higanwa ku ncuro ya 10.
Umwaka uheze, iyo mirwi ya Real Madrid na Galatasaray yahuye gice ca kane gishira ica nyuma, Real isezerera Galatasaray.

Umumenyereza mushasha wa Real Madrid, Carlo Ancelotti ntafise Xabi Alonso arwaye ikirenge kuva muri Myandagaro. Marcelo na Coentrão berekeje muri Turukiya mu nyuma yo kuvunikira mu mirwi y’ibihugu.

Itsinda C

Olympiacos ( Ubugiriki) izohura na Paris Saint Germain (Ubufaransa), Benfica (Portugal) nayo ihure na Anderlecht (Ubuligi). Nirwo rukino rwa mbere rwa champions league umumenyereza Michel wa Olympiacos azoba yitavye mu mateka yiwe.

Itsinda D

Plzen (Czech) izohura na Manchester City (Ubwongereza), Bayern Munich (Ubudagi) ihure na CSKA Moscow (Uburusiya)

Bastian Schweinsteiger ashobora kugaruka mu kibuga mu gihe Guardiola azoba adafise abakinyi nka Thiago Alcántara, Javi Martínez na Mario Götze ku mvo z’imvune bafise.

Kizigenza wa Manchester City, Vincent Kompany yajanye n’umurwi wiwe, inyuma y’imvune. Mu nkino 6 za Champions League Man City yakiniye hanze y’ubwongereza yatsinzemwo urukino rumwe rwonyene.

Ubwongereza, Espagne n’Ubudagi vyaserukiwe n’imirwi ine. Ubutariyano bwaserukiwe n’imirwi 3, mu gihe Ubufaransa, Uburusiya na Portugal biserukiwe n’imirwi 2. Ibindi bihugu uko ari 11 vyaserukiwe n’umurwi umwe igihugu cose.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.