Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkona zaraye zirahiye Imamba za Mozambike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inkona zaraye zirahiye Imamba za Mozambike

Inkona zaraye zirahiye Imamba za Mozambike

jeudi 16 Nzero 2014

Inkino z’amahiganwa ya CHAN zirabandanya mu gihugu ca Afrika y’epfo, imirwi iriko iniganira gushika kure narirya ikiri mu gice c’umunani c’inkino. Ku rukino rwa kabiri, umurwi wa Nigeriya waratanye mu mitwe n’umurwi wa Mozambike. Umurwi wa Mozambike ntiworohewe.

JPEG - 448.9 ko
Inkona za Nigeriya

Inkona z’umumenyereza Stephen Keshi, mw’ijoro ry’uwo wa gatatu igenekerezo rya 15 Nzero 2014, zaratanye mu mitwe n’Imamba zo muri Mozambike. Urukino rwa mbere rwarimwo ibitsindo vyinshi. Amaraso agishushe, ku munota wa 11, Mozambike yarimaze gukora mu jisho ry’Inkona za Nigeriya ku gitsindo cinjijwe n’umukinyi Dario Khan. Abarundi bati : « abatamvyi ba neza barakwirikirana». Sinzi ko ariko twobivuga. Ku munota w’i 11, Ifeanyi Ede ati :" tubasubirize mu ndumane", ng’ico igitsindo maze Inkona n’Imamba ziravugutana. Inkona za Nigeriya zaraguruka, ku munota wa 13, Rabiu yinjiza ikindi. Iyo mirwi yose yarizi ico yatumwe n’ibihugu iserukira. Imamba za Mozambike, ziti turwanye nabi, ku munota wa 20, Diogo yarabateturuye mu kwinjiza igitsindo ca kabiri, iyo mirwi ica iranganya ibitsindo 2-2.

Mu gice ca kabiri c’urukino, Imamba zararushijwe, maze Inkona zirabasatira. Ku munota wa 54, Rabiu yahanye ikosa ryakorewe mugenzi ku ruhusha ahawe n’umuhagarikizi, kuri wa mupira uterwa ku metero 12 Penalty, ikindi gitsindo c’inkona, bica biba 3-2. Haheze umwanya muto yinjiye mu kibuga, Barnabas Imenger aca arahohosha Imamba ku munota wa 88 hasigaye iminota ibiri ngo urukino rurangire. Ku bitsindo 4-2 Inkona za Nigeriya n’Imamba za Mozambike zirasohoka ikibuga.

Mw’itsinda A, ririmwo imirwi nserukira bihugu ya Afrika y’epfo, Mali, Mozambike na Nigeriya, Umurwi wa Nigeriya uciye uronka ikibanza ca gatau, inyuma ya Mali na Afrika y’epfo. Hasigaye inkino za nyuma zizovamwo imirwi ibiri izokwinjira mu gice ca 4 gishira ica nyuma c’inkino. Kw’igenekerezo rya 19 Nzero, hazotana mu mitwe imirwi ya Mali - Mozambike na Afrika y’epfo - Nigeriya, ariko umurwi wa Mozambike waramaze kumenyekana kutazohonyoza ikirenge mu kibuga mu gice ca 4 gishira ica nyuma c’amahiganwa ya CHAN.

JPEG - 25 ko
Imamba za Mozambique

Urutonde rw’abakinyi batanguye mu rukino rwahuje Mozambike na Nigeriya :

Nigeriya : Agbim - Kwambe, Egweukwe, Odunlami, Eseme - Shehu, Uzochukwu, Ali, Uzoenyi - Ede, Salami.

Mozambike : Soarito - Monis, Khan, Miocha, Miro - Josemar, Manuelito, Kito - Diogo, Mario - Maninho.

Urukino ryagenze uku gukwirikira:


Cherif nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.