Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkurikizi zivuye mu guhekenya ibazoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inkurikizi zivuye mu guhekenya ibazoka

Inkurikizi zivuye mu guhekenya ibazoka

mardi 7 Nzero 2014

Kugira akamoto keza mu kanwa, kimwe mu bituma abantu bahekenya ibazoka. Mu matohoza yakozwe, ibazoka ni kimwe mu bintu bishobora gukingira amenyo indwara zitari nke.

Ibazoka canke ijojo ku batari bake, yatangujwe n’umushakashatsi yitwa Thomas Adams, mu mwaka w’ 1876 aho yagira iciyumviro co kuvanga isukari n’ico bita latex hamwe na chicle, biva mu biti bakoresha mu gukomeza imisaya. Inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, abanyamerika baciye batangura kuyikwiragiza hose gushika no mu gihugu c’Ubufaransa.

Igihe Thomas Adams yiyumvira kugira ibazoka, yarafise iciyumviro co gukora utubumbe (bulles) mu ntumberero yo kwinezereza, twongere turyohere n’abana bakiri bato bari hagati y’imyaka 10 na 14 na cane cane abigeme.

Muganga Schein, umuhinga mukuvura indwara zo mu kanwa no mu menyo, avuga ko ibazoka, yaba izirimwo isukari canke izitarimwo zifise igikorwa kimwe mu kuvura indwara zo mu menyo. Akarorero, iyo umuntu ahejeje gufungura agaca ahekenya ibazoka, bituma indya ziba zasigaye mu menyo zivayo zose kubw’amate aba yarwiriye mu kanywa. Muri ico gihe, imigera yari mu kanwa ica ivayo hagaca haguma hanabomvye. Kubibaza ko yoshobora gutera ingorane mu misaya, muganga Schein avuga ko iyo umuntu atahekenye n’inguvu, ntangorane ishobora ku mutera.

Umuhinga muvy’ugufungura nawe, muganga Redl avuga ko ibazoka iri mu bituma imfungurwa umuntu yafunguye zihoka. Iyo bazoka igashobora gutuma umuntu yumva ahaze canke ikamusonzesha. Ku kibazo c’uko uwuyimize ashobora kugira ingorane mu nda, muganga Redl avuga ko ata ngaruka nini ishobora kuhaba, kuko iyo yageze mu nda, umushishito ntushobora kuyisya, uca uyisohorana n’ibindi iba itashoboye gusya.

Ikindi ciza kivuye kw’ibazoka, n’uko uwuyihekenye atuma imitsi yiwe y’amaraso yari yaranze ica yuguruka. Abashakashatsi bandi nabo bakemeza ko guhekenya ibazoka bituma ubwonko bukora neza gusumba na cane cane mu kwibuka ibintu bikomakomeye.

Ku bivugwa ko ibazoka zidakozwemwo isukari arizo ngirakamaro kurusha izakoranywe isukari, abashakashatsi bari no mubagize amatohoza, bavuga ko ibazoka zikoranywe isukari arizo abantu bakwiye guhitamwo gusumba izayikoranywe, kubera isukari ishobora gutera indwara zo mu menyo.

N’ubwo ibazoka zifise ingaruka ngirakamaro ku magara y’abantu, ibazoka zishobora kandi no gutera n’ingaruka zitari nziza. Ni ukuvuga ko iyo umuntu yahekenye umwanya muremure ibazoka bishobora kumutuma ameneka umutwe. Abakenyezi bibungenze bakaba bahanuwe kudahekenya ibazoka, kuko bishobora kubabuza guhumeka neza.

Mwokwibuka kandi ko bibijijwe guhekenya ibazoka imbere yo gufungura kuko bishobora gutera ingorane umushishito.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.