Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubutariyano: Insanganya y’ubwato yahitanye abantu 92 bavuye muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutariyano: Insanganya y’ubwato yahitanye abantu 92 bavuye muri (...)

Ubutariyano: Insanganya y’ubwato yahitanye abantu 92 bavuye muri Afrika

jeudi 3 Gitugutu 2013

Amakuru ava mu gihugu c’Ubutaliyano, avuga ko igihe c’isaha zitatu n’igice kw’isaha mpuzamakungu, hari isanganya y’ubwato yabereye mw’izinga hagati rya Lampedusa, mu Bumanuko bw’igihugu c’Ubutaliyano, aho abantu bagera ku 92 baciye bitaba Imana.

Ubwato bwari butwaye abantu bari hagati ya 400 na 500 bavuye muri Afrika, kuri ico gitigiri, 151 akaba aribo bashoboye kuharokorera ubuzima gushika ubu. Ivyemezwa n’umukuru w’igisagara ca Lampedusa, Giusi Nicolini. Inyuma y’iryo sanganya ry’ubwato abajejwe gutabara abibiye mu mazi baje bava mu gihugu c’Ubutaliyano, bakaba baciye bahanyarukira, abantu 92 akaba aribo baciye batorwa ibiziga mu mazi, muribo abarenga cumi ataburenganzira bwo kujabuka baribafitiye kuri uyu wa kane igenekerezo rya 3 Gitugutu uyu mwaka.

Kubwa Antonio Candela umuyobozi w’abajejwe gutabara abagize isanganya i Lampedusa, yamenyesheje ko muri abo bagize insanganya, hari hakiri abari mw’ibahari bataratorwa. Abenshi muri bo bari mu bwato akaba ari abanya Somaliya.
Abagize amatohoza, bavuga ko intanduro y’iryo nsanganya ryoba ryavuye k’umucanwa wakijwe n’abo bari mu bwato bariko baraturira ibintu kugira biyereke ubundi bwato bwaraho. Bivugwa kandi ko ubwo bwato bwoba bwari buje buva mu gihugu ca Libiya. Igitigiri nabo c’abatwawe kikaguma ciyongera ku mwanya ku mwanya, ibiziga navyo bikaba vyaciye biza biratwagwa mu gihangare kiri ku kibuga c’indege c’i Lampedusa.

Mwomenya ko mu ntango z’ukwezi kwa Myandagaro, isanganya isa nkiyo yari imaze kuba mu Buseruko bwa Sicile, igihe abanyegiputa batandatu batwarwa bibaza ngo bamaze gushika k’umusenyi kandi ubwato bwabo butari bwahagare neza ku nkengera z’uruzi.

Kuva mu ntango y’umwaka w’2013, abantu barenga 22 000 bava muri Afrika baramaze gushika mu gihugu c’Ubutaliyano i Sicile, abo bakaba biyongeye incuro zitatu ugereranije nabo mu mwaka w’2012.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.