Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
INSS: Umukuru wayo yatanze umuco ku bimaze iminsi bivurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > INSS: Umukuru wayo yatanze umuco ku bimaze iminsi bivurwa

INSS: Umukuru wayo yatanze umuco ku bimaze iminsi bivurwa

lundi 7 Gitugutu 2013


Inyuma yaho riterewe akamo n’ibinyamakuru bikorera mu Burundi kugira ritange umuco mu vyavuye mu nama yahuje abari mu rwego nyobozi rw’ishirahamwe INSS, ishirahamwe riteganiriza kazoza abakozi INSS (Institut National de Sécurite Sociale) ryatunganije ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru.

Intumbero y’ico kiganiro, akaba kwari ukwerekana no gusigura imigambi ibiri ishirahamwe INSS ritegekanije gukora, imigambi izotwara amafaranga angana n’imitiyaridi indwi n’ imiriyoni amajana atatu. Iyo migambi nayo ikaba ijejwe kurwiza ubutunzi bw’iryo shirahamwe. Umugambi wa mbere ni umugambi wo gushira umutahe wayo mw’ishirahamwe rijejwe gutunganya uburaro bw’igisagara (Habitat urbain) kugira ritunganirize neza abanywanyi baryo. Ariko kugira uwo mugambi ushoboke bigasaba ko yongereza imitahe mu gihe yarifise ibice 80 kwi 100 vy’umutahe. Ishirahamwe INSS rikaba ryemeye gutanga ibice 20 kwi 100 ku mashirahamwe ya Leta.

Umugambi wa kabiri ukaba ariwo gushira umutahe wayo mw’ishirahamwe ritegekanya guhingura ivyamwa vyo mu gihugu ca Cote d’Ivoire (2M Investeringer Consult S.A) rigiye gukorera hano mu Burundi mu ntara ya Bubanza, aho bita ku Kayange II. Kubivurwa ko ingingo yo kwemeza ko ishirahamwe INSS yoshira imitahe yayo muri iyo migambi uko ari ibiri itashimwe na bose, mu nama yo kwiga iyo migambi, yari igizwe na bamwe mu bagize urwego nyobozi rw’ishirahamwe INSS, umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe, Telesphore Irambona, aremeza ko habaye ukwutumvikana, akavuga ko kugira izo ngingo zihave zifatwa, hisunzwe itegeko ngenderwako rya 19 rivuga ko ingingo itowe, ikemezwa ku bice 80, canke 2 kuri 3, iyo ngingo iremerzwa igashirwa mu ngiro. Ivyo yabivuze asigura ko mu rwego nyobozi rugize ishirahamwe INSS, ari abantu bagera kuri 12, mu nama, naho hakaba hari hitavye abagera kwi 10, ariko bane kuri 12 bakaba batashimye ivyavuye muri iyo nama. Muribo, 2 baserukira abakozi ba INSS, abandi 2 bagaserukira abakoresha baho.

N’aho biri ukwo, Telesphore Irambona aremeza ko ishirahamwe INSS ryiteguye gushira umutahe waryo muri iyo migambi uko ari ibiri, kugira rirwize ubutunzi bw’aryo, akavuga ko bizogira akamaro haba kw’ishirahamwe canke kubasanzwe baronka amahera atangwa n’iryo shirahamwe. Ivyo navyo bikaba bidashimisha abasanzwe baharonkera amafaranga, kuko atanyungu babona mu gihe ishirahamwe INSS ryoshira umutahe waryo muri iyo migambi. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe INSS akaba yahumurije abo bose bibaza ko ishirahamwe INSS rizohava rihomba nk’uko vyabaye mu myaka iheze, mu gihe yosubira gushira imitahe yaryo mu migambi ibonwa ko atasano rifitaniye n’ishirahamwe INSS.

Mwokwibuka ko mu migambi ya INSS ifise, harimwo guteganiriza neza kakoza abakozi bayo.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.