Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi "Intamba mu Rugamba" waraye utsinzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi "Intamba mu Rugamba" waraye utsinzwe

Umurwi "Intamba mu Rugamba" waraye utsinzwe

lundi 2 Kigarama 2013

Kuri uwu w’Imana w’igenekerezo rya 01 Kigarama 2013, umurwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba waratanye mu mitwe n’umurwi Chipolopolo, userukira igihugu ca Zambiya. Hari mu nkino za CECAFA ziriko zibera mu gihugu ca Kenya.

Urukino ruhuza umurwi w’umupira w’amaguru w’Uburundi n’uwa Zambiya rwabereye ku kibuga “Nyayo National Stadium” kiri I Nairobi muri Kenya. Ikibuga vyaboneka ko kinyerera, atari ciza cane. Rwatanguye isaha icenda z’umuhingamo. Mu ntango y’urukino, iyo mirwi yompi yaravyifashemwo neza kuko igice ca mbere cagiye kurangira imirwi inganya ubusa ku bundi (0-0).

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi Chipolopolo wagarutse utazambaye, naho Intamba mu Rugamba zitari zicaye, karabaciyemwo. Haheze iminota 20 yinjiye, umukinyi Festus Mbewe yambara inomero 9, yarashoboye guca mu ryahumwe abakinyi b’inyuma b’Intamba, maze Arakaza Arthur yinjizwa igitsindo ca mbere. Urukino rugeze mu minota 70, haragaragaye ugushaka kugombora kw’umurwi w’Intamba mu Rugamba, ariko hari agahaze. Abakinyi bo hagati b’Intamba, ntivyaboroheye cane gutanga imipira imbere bahereza bagenzi babo nka Christophe ari we Lucio, Fiston Abdoulazak na Celestin. Ivyo vyarabereye impambamyi uwo murwi. Hari uwari guhava yibaza ko wari umukenyuro w’umumenyereza Naseem Lotfy Mohamed aturuka muri Egiputa, kuko yari gushobora gusubiriza abakinyi bamwe bamwe.

Urukino rwarangiye ari igitsindo kimwe ca Chipolopolo, umurwi nserukira gihugu wa Zambiya umenyerezwa na Patrice Beaumelle, ku busa bw’Intamba mu Rugamba (1-0).
Urwo rukino rwahaye ikibanza ca gatatu (3) Uburundi mu gihe imirwi ya Zambiya na Tanzania inganya amanota ane (4). Somaliya ni iya nyuma ifise ubusa.

Urukino rukwirikira ruzoba ku munsi wa gatatu w’igenekerezo rya 04 Kigarama, ku kibuga Nyayo National Stadium, ruzohuza umurwi w’Intamba mu Rugamba n’umurwi nserukira gihugu wa Tanzaniya. Umurwi w’Intamba mu Rugamba uzoba utegerezwa gutsinda urwo rukino na Tanzaniya kugira ushobore kuronka uburenganzira bwo kubandanya iryo higanwa.

Mwomenya ko muri urwo rukino ruzoba ku munsi wa gatatu, umurwi "Intamba mu rugamba uzoba udafise umukinyi w’umusatirizi Fiston Abdoulazak, kuko yahawe amakarata abiri y’umuhondo.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.