Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba wiyerekanye ko atari ugupfa kwuririrako - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba wiyerekanye ko atari ugupfa kwuririrako

Intamba mu Rugamba wiyerekanye ko atari ugupfa kwuririrako

mercredi 15 Nzero 2014

Umurwi w’Intamba mu Rugamba waraye utanye mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Gabon. Iyo mirwi yahejeje umwanya wagenewe urukino ry’umupira w’amaguru banganije ubusa ku bundi.

JPEG - 101.4 ko
Abakinyi bo muri Gabon "Les Pantheres"

Kw’igenekerezo rya 14 Nzero, igihe c’isaha 2 z’ijoro mu masaha yo mu Burundi, ku kibuga Peter Mokaba kiri ahitwa Polokwame, Intamba mu Rugamba Les Hirondelles zaratanye mu mitwe n’ingwe Les Pantheres zo muri Gabon. Urukino ntirwari rworoshe na gato kuko iyo mirwi yose yaniganira intsinzi. Ku ruhande rw’ingwe, bamwe mu bakinyi bavuga ko abakinyi b’Intamba mu Rugamba bakiri bato ko ari kuhagabira, abandi bavuga ko abakinyi b’inyuma ari bagufi ko bokina umupira wo hejuru. Ivyo vyose ntivyakunze kuko Intamba zari zakenyeye ziraguma. Icabonetse n’uko mu gice ca kabiri Intamba zaboneka ko zarushe. Urukino rwahavuye ruhera abakinyi b’umumenyereza Nasser n’aba Stephane Bounnguendza banganije 0-0.

JPEG - 139.9 ko
Umusatirizi w’umurundi Christophe Nduwarugira (umwambaro utukura) ntako atari yagize kugira arondere intsinzi y’Uburundi

Intamba mu Rugamba zizosubira gukina kw’igenekerezo rya 18 Nzero, uwo munsi bazotana mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Mauritanie.

JPEG - 27.4 ko
Daniel Cousin, umusatirizi wo muri Gabon yarabangamiye abakinyi b’inyuma b’Intamba mu rugamba
JPEG - 100.1 ko
Impande zose zarasatiriye bimwe bikomeye

Cherif Nkeshimana

Messages

  • ni vyiza cand twarabishimye!

  • Uburundi bwatewe iteka nabo bwibarutse nibakomere k.umuheto

  • Uburundi bwatewe iteka nabo bwibarutse nibakomere k.umuheto

  • turanezerewe cane nukuntu urukino rwa nijoro rwaraye rukinwe umurwi wac w’intamba tuwuri inyuma kandi ntakeka dufise igikombe ndabona kizotahuka m’Uburundi.arikn nimba bikunda ko mubwira urya mumenyereza w’intamba arabe akinyi ikibanza co hagati ntibasubir kugita kand bahane distanc barek kugum ahant hamw umupir bawufash barek kuwuteran ubwob bituz gutyo tubone instinz kand turizeye IMANA izobikora

  • turipfuza kwambara ijezi z’umurwi nserukira gihigu intamb murugamb mbega kumasoko zoba ziriho?natwe twipfuz gutez imbere umurwi wac kuk amafarang tugur ijez z’iyind mirw nimensh natw twipfuza ko twoz turagur ijezi z’umurw wac muntumber yogutez imber umurwh wacu sinz rero nkuwozishak ah yozikura?

  • Rwose natwe tubino muri afrika yepfo twishimye icatunejereje baririvye indirimbo yigihugu neza cane maze bagiye mukibuga yoooo koko ni intamba inyuma zirugaye imbere oya gusa ikosa baribonye imana ibari imbere kandi abanyamakuru bavuze yuko twashitse tutinze kubera amikoro tutabashije kwitegurira uyo mukino bategetsi kuza ikino ni iteka cane cane iyo bagiye hanze kumativi wumva burundi gusa eka kumaradiyo burundi gusa gabon yo wamenga si hiri.

  • Intamba ni mwirambire imana izobageza imbere.ico nohanura coach nuko yobagirisha exercice physique kugira ntibazosubire kuruha match itarahera.kko barushe birashobora gutuma equipe yacu itsindwa.komera turinyuma yanyu!

  • Intamba murugamba komera turabashigikiye, kandimutumwe mbonako uburundi bukundwagose, vyanezerezacane umupira ufashwe numukinyi wintambamurugamba wacawumva nabantubatarabarundi bavuze mundimiziwabo nivyishimovyinshi ngo Burundi..........wumvanyene ko aribikunda kobifuza kwintamba murugamba zotsinda. Arikoharihumuntu yansekeje nagizeguti numvamugishingo cokuvuga ngo Intamba Murugamba,numvise avuzengo: Tamba Gamba’ ncanumvamwo ikirundi nikigande Tamba nimukirundi gutamba, Gamba nikigande mukirundi twovyitako ari vuga, arikovyaribiryoshe.

  • Yoo jw agatima kararuhuts urazukuntu narimaze imyakanimyaka ntabona uburundi mumahiganwa nkaya,nukuri Imana idufashe tuzorengane mbega nonwera hehe?bakinyi nimukomere ariko imyimenyerezo myinshi kugira ntimusubire kuruha murakoze!

  • Wapi badahinduye ntaho turoshika kuko umura bakinye ntabwo warushimijeijisho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.