Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba zasezeye amahiganwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zasezeye amahiganwa

Intamba mu Rugamba zasezeye amahiganwa

lundi 2 Ruheshi 2014

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba warushijwe n’umurwi nserukira gihugu wa Botswana. Uko gutsindwa kwatumye Uburundi busezera inkino z’ijonjora mu kwitegurira igikombe ca Afrika co mu mwaka w’2015.

Ku murwa mukuru Gaborone uri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Botswana niho kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 01 Ruheshi, habereye urukino rwo gusubiza rwahuza Intamba mu Rugamba n’Imparage zo muri Botswana. Ku munota wa 57, umukinyi Joel Mogorosi wa Botswana yinjije igitsindo cakuye Intamba mu mahiganwa. Uburundi buheza urukino butsinzwe 1 ku busa.

Intamba mu Rugamba zaciye zirangiza urugendo rwo kwitegurira igikombe co ku mugabane wa Afrika co mu mwaka w’2015 kizobera muri Maroc. Uburundi busezeye mu gihe ibindi bihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko bizobandanya amahiganwa.

Uburongozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) bwari bwagerageje guhamagara abakinyi nka bose bakina mu makungu kugira Uburundi bushike kure muri aya mahiganwa.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Petite équipe,petit pays des DD alias les imbonerakure. ntaco Urwanda igihangage yaraye ikuyemwo Lybia izobaserukira basha

  • Jewe sinota ikuvyo kubakinyi umwana ntiyoja kwishure asigabavyeyi bariko baradyana ndizera koyiga nabi jendizerako twatsinzwe kubera ko igihugucacu kirongowe nabi none tuzokwamira mundyane hamango tworima tukimbura ntibibaho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.