Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakinyi b’Intamba bahawe agashimwe n’icegera ca kabiri c’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Intamba bahawe agashimwe n’icegera ca kabiri c’umukuru (...)

Abakinyi b’Intamba bahawe agashimwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

lundi 28 Ndamukiza 2014

Umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba bafise munsi y’imyaka 20 baraye batanye mu mitwe n’umurwi nserukira gihugu wa Djibouti bafise nabo nyene munsi y’imyaka 20. Urwo rukino rwo gusubiza, ruri mu rukwirikirane rw’inkino zo gutora imirwi izohiganirwa igikombe ca Afrika co mu mwaka w’2015 rwaheze ku ntsinzi y’Imntamba mu rugamba.

Urukino rwari urwo gusubiza ku rukino rwari rwabereye muri Djibouti mu kwezi kwa Ndamukiza igenekerezo rya 4, aho imirwi yanganije igitsindo kimwe ku kindi (1-1). Urukino rwabaye ku munsi w’ejo rwari rubereye ijisho. Igice ca mbere caheze ari ubusa ku mpande zose ariko haraboneka ugusatira kudasanzwe kw’umurwi w’Intamba mu Rugamba.

Igice ca kabiri catanguye ari gusunikana kudasanzwe, bamwe batwara irya, abandi ino, bose barondera igitsindo. Bakiri muri zuguruzuguru, ku munota wa 28 w’igice ca kabiri, umukinyi Mvuyekure Emmanuel yambaye inomero 10, yinjije igitsindo cahavuye kirangiza urukino. Icaboneka muri urwo rukino ni abakinyi bo hagati bavyifashemwo neza cane nka Sabumukama Enock yanateye umupira mwiza mw’izamu rya Djibouti agahusha igitsindo.
Urukino ruheze, ku gitsindo kimwe c’Intamba mu rugamba n’ubusa bwa Djibouti, n’umunezero mwinshi, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yari yishikiye ku kibuga, yaciye atanga agashimwe yarungikanye umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama nawe nyene yari kurorera urwo rukino.

Mwomenya ko iyo ntsinzi y’Intamba mu Rugamba yatanze uburenganzira bwo kubandanya, urukino rukwirikira ruzohuza Intamba n’umurwi Les Lionceaux wa Cameroun.
Tubibutse kandi ko Intamba mu Rugamba z’abakuze "Senior" batsindiye iwabo umurwi wa Tanzaniya ibitsindo 3ku busa bwa Tanzaniya, vyinjiwe na Kavumbagu Didier, Tambwe Hamissi bose bakina muri ico gihugu ca Tanzaniya, na kimwe ca Ndikumana Yussuf Lule akina muri Lydia Ludic Academic.

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba batanguye mu kibuga ni :

18) Ndayishimiye Hussein

5) Niyonkuru Nassor

14) Bigirimana Issa

2) Uwayezu Nice-Francky

15) Moussa Omar

13) Mubango Trésor

10) MVuyekure Emmanuel

18) Ndayizeye Selemani

4) Sabumukama Enock

19) Nininahazwe Fabrice

9) Bizimana Hassan

Abakinyi ba Djibouti batanguye mu kibuga ni :

1) Omar Ibrahim

2) Daoud Wais Ali

3) Mohamed Daher

12) Kenedio

8) Childan Osman

14) Hamoud Ahmed

10) Warsama Houssein

7) Moussa Helemnohane

9) Yaben Idriss Moussa

18) Abbillai Hamadou

4) Djana Ilyas Hassan


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.