Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Intamba mu rugamba": Imyimenyerezo irabandanya naho ingorane zo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > "Intamba mu rugamba": Imyimenyerezo irabandanya naho ingorane zo (...)

"Intamba mu rugamba": Imyimenyerezo irabandanya naho ingorane zo zitabuze

jeudi 31 Gitugutu 2013

Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru « Intamba mu rugamba » urarembeje imyiteguro yo kuja mu mahiganwa ya CECAFA azobera muri Kenya. Abakinyi bageze ku ndwi igira kabiri bitegura. Ku makuru duhabwa n’icegera c’umumenyereza akaba avugako iyo myiteguro iriko igenda neza.

JPEG - 65.9 ko
Intamba mu rugamba kumwe n’umumenyereza w’uwo murwi

Intamba mu rugamba zigeze ku ndwi igira kabiri zitegurira inkino za CECAFA zizobera mu gihugu ca Kenya. Iryo higanwa rikaba rizotangura kw’igenekerezo rya 24 Munyonyo rirangire kw’igenekerezo rya 11 Kigarama uno mwaka. Niyongabo Amares, icegera c’umumenyerereza w’Intamba mu Rugamba, avugako imyiteguro iriko igenda neza. Amenyesha ko bihaye umwanya ukwiye wo kwitegura.

Mu ntumbere yo gutuma iyo myiteguro igenda neza, harabonetse imodokari itahana abakinyi bahejeje imyimenyerezo. Vyongeye n’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu, Muhammed Nassim Lotfi, yararonkejwe ingendeshwa yo kwiyunguruza. Ivyo rero bigaca bituma ibikorwa bigenda neza. Amares arongera akamenyesha ko, atagihindutse, bazogira bimwe bita “Local” y’indwi z’2 imbere y’uko bitaba urukino, n’ukuvuga ku magenekerezo ya 6 canke 7 Munyonyo.

Naho ico cegera c’umumenyereza w’Intamba mu rugamba avugako bimeze neza aho ageza amaso, ntibabibona kumwe n’abakinyi. Abakinyi barabishima imyimenyerezo ariko baravuga ko bafise ubukene bw’ibirato n’imyambaro yo kwimenyerezamwo. Ubu urasanga umukinyi afise umwambaro umwe w’ikirato n’umwe w’impuzu.

Ivyo rero birabatangaza ingene umurwi nserukira gihugu ushobora kubura ibintu nkenerwa ku mukinyi nk’ivyo. Si ivyo gusa, iyo bahejeje imyimenyerezo baba bakwiye kuronka amata kugira bagumane inguvu, ariko gushika ubu abo bakinyi bo mu murwi nserukiragihugu bavuga ko batayaronka. Ariko naho biri ukwo barashima ibibazo vyatorewe umuti, ndetse ko n’ibindi bizokemurwa. Ico bizeye coco ni ukwo bazoronka intsinzi muri iryo higanwa.


NKESHIMANA Chérif

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.