Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba zizokwitaba inkino za CHAN - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zizokwitaba inkino za CHAN

Intamba mu Rugamba zizokwitaba inkino za CHAN

vendredi 3 Nzero 2014

Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru Intamba mu Rugamba uzofata indege aho uzoba ugiye kwitaba inkino za CHAN zizobera mu gihugu c’Afrika y’Epfo.

Kuva kw’igenekerezo rya 16 Kigarama 2013, umurwi w’Intamba mu Rugamba warutanguye imyimenyerezo mu kwitegurira amahiganwa y’umupira w’amaguru azobera mu gihugu c’Afrika y’Epfo. Kw’igenekerezo rya 06 Nzero niho umurwi w’Uburundi uzokwurira indege. Muri ayo mahiganwa ya CHAN, ibihugu 16 vyo muri Afrika n’ivyo bitegekanijwe kuzokwitaba. Na vyo ni : Uburundi, République démocratique du Congo(RDC, Ghana, Zimbabwe, Burkina Faso, Maroc, Mauritanie, Libye, Mali, Éthiopie, Nigeria, Congo-Brazzaville, Gabon, Ouganda, Afrique du Sud na Mozambique.

Mw’itorwa ry’imirwi , umurwi w’Intamba mu Rugamba washizwe mu murwi wa D groupe D. Ibihugu vya Mauritanie, République démocratique du Congo(RDC, Gabon ni vyo biri muri uwo murwi. Kw’igenekerezo rya 14 Nzero, igihe c’isaha 20, urukino rwa mbere ruzohuza Intamba n’umurwi wa Gabon, inyuma y’iminsi 4, intamba zizotana mu mitwe n’umurwi wa RDC, urundi rukino ruzoba kw’igenekerezo rya 22 Nzero n’umurwi wa Mauritanie.

Abakinyi 23 bazoserukira Uburundi ni aba bakwirikira :

1.Arakaza Marc Arthur wo mu murwi wa Flambeau de l’Est

2.Rugumandiye Yvan akina muri Athletico

3.Nduwimana Saidi Tama akina muri Inter Stars

4.Harerimana Rashid Leon akina muri L LB Academic

5.Hakizimana Issa akina muri LLB

6.Nsabiyumva Frederic akina muri Vitalo

7.Rugonumugabo Stephane akina muri LLB

8.Hakizimana Hassan akina muri Atletico Olympique

9.Nkurikiye Leopold Kaya akina muri Inter Stars

10.Nduwarugira Christophe Luco akina muri LLB

11.Ndikumana Yussuf Lule akina muri LLB

12.Duhayindavyi Gael akina muri LLB

13.Moussa Mossi Hadji akina muri Vitalo

14.Shabani Hussein akina muri Flambeau

15.Ndarusanze Claude akina muri LLB

16.Ndikumana Yameen Suleiman akina muri Vitalo

17.Habonimana Celestin akina muri Flambeau

18.Abdul Fiston akina muri LLB

19.Nduwimana Jean Gentil wo muri Olympique Star

20.Nzohabonayo Aimé wo muri Atletico Olympique

21.Nahimana Chassir wo muri Inter Stars

22.Hakizimana Pascal wo muri Flambeau de l-Est

23.Ndayihimbaze Gilbert wo muri Guepiers du Lac

Messages

  • Ndanezerew cane ko ndikumana seleman arimwo aho nciye nitega itsinzi

  • Nibaze natwe tubarindiranye iginshika ncinshi ariko ntibaze badutetereze ngo bishinge kurya aya makoko yahano mbona arivyo bishimbo vyahano hamwe nimaraya zahano ziginda zambaye ubusa kuku ubu turi muri sama uyoberwa uwukuze canke umwana bikagicanganya muze umutima uri munda u are welcame in sa.

  • Murakaza bavukanyi asha muzemwatekeye ikintangaza nikimwe ntimutumira bagenzibanyu bakinahanze yigihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.