Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba zatekeje umurwi nserukira gihugu wa Congo(photos) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba zatekeje umurwi nserukira gihugu wa Congo(photos)

Intamba zatekeje umurwi nserukira gihugu wa Congo(photos)

lundi 9 Ntwarante 2015

Umurwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru Intamba mu Rugamba waraye wirahiye Ingwe zo muri Congo z’abatarenza imyaka 23, hari mu rukino ryo gusubiza urwari rwabereye i Kinshasa.

JPEG - 268.8 ko
Intamba zifise munsi y’imyaka 23 zatanguye mu kibuga

Urukino rwaheze imirwi inganyanije 1-1, ariko Intamba zari zatsinze urukino rwa mbere rwabereye i Kinshasa hari kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma. Urukino rwo ku munsi w’Imana ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore rwatanguranye ishaka ryokurondera itsinzi ku murwi wa Congo. Aho haciye haboneka n’igitsindo ca mbere. Ico gitsindo cinjijwe n’umukinyi KATALAY Badra batazira Mpundu, hari ku munota wa 28. Ico gitsindo cagombowe imbere y’uko igice ca mbere kirangira, hari ku munota wa 39, aho Fiston Abdoul Razzak yakigombora. Igice ca mbere kirangira ari 1-1.

JPEG - 242.4 ko
Abakinyi ba Congo batanguye mu kibuga

Igice ca kabiri carimwo ihinduka ku murwi w’Intamba mu Rugamba aho basatira cane biboneka ko bazanye inguvu nshasha. Muri ico gice Fiston Abdoul Razzak yarinjije igitsindo baragihakana, eka uwo mukinyi nyene yarakomeretse mu ruhanga naho bitamubujije ko abandanya urukino. Eka n’umurwi w’Ingwe za Congo ntiwari ureze amaboko kuko bararondeye cane kugombora ico gitsindo kugira bikunde baronke intsinzi ariko Madede yari mw’izamu ntiyabibemerera.

JPEG - 25 ko
Fiston Abdoul Razzak

Kaze Cedric inyuma y’urukino avugako bagiye kwitegura bihagije mu gukosora aho babonye amakosa hose kugira Intamba zishobore kubandanya.

Bamwe mu bakinyi nka Abassi, Christophe Luco, Madede, bavugako mu ntango batanguye kugira ubwoba ariko bamaze kwinjizwa ica mbere, bibwira ko vyose bishoboka.

Uburundi bwaciye buronka uburenganzira bwo kubandanya, mu rukino ruzokurikira Intamba zishobora guhura n’igihugu ca Misiri (Egypte).

JPEG - 767.6 ko
Umunyezamu Madede
JPEG - 23.6 ko
NDUWARUGIRA Christophe yari kizigenza w’umurwi

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ndashimiye umurwi nserukiragihugu wuburundi, cokimwe numurwi nserukira gihugu wa Congo, sinokwibagira nikikinyamakuru uyumusi cidananije kiradushiriraho udufoto nubwo tumwetumwe tubonekananabi ngirango ryarisuba ryabitumwe komerezaho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.