Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intara ya Mwaro ikwiye kuronswa ibarabara rya kaburimbo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Intara ya Mwaro ikwiye kuronswa ibarabara rya kaburimbo

Intara ya Mwaro ikwiye kuronswa ibarabara rya kaburimbo

mercredi 17 Mukakaro 2013

Mu gihe yariko arashikiriza ivyaranguwe mu kiringo c’amezi atandatu mu ntara ya Mwaro, buramatari w’iyo ntara Jean Polidore Ndayirorere yamenyesheje ko ukubura ibarabara risize kaburimbo rica ku murwa mukuru w’intara ya Mwaro biri mu bihagarika iterambere ry’iyo ntara.

Jean Polidore Ndayirorere amenyesha ko ibarabara Nyakararo-Mwaro-Gitega ryofasha cane mw’iterambere ry’intara ya Mwaro na cane cane ko ryofasha gushika mu bibanza vy’ingenzi (site touristique) bisanzwe biri muri iyo ntara.

Intara ya Mwaro niyo yonyene mu gihugu cose idafise ibarabara risize ikaburimbo rica ku murwa mukuru w’intara. ikindi kibangamiye iterambere rya Mwaro ni amategeko adatomoye ku bijanye no kurwanya inzoga zitemewe hamwe n’amashure asanzwe ari make muri iyo ntara. Ku misozi 131 igize intara ya Mwaro, umunani niyo itagira ishure.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.