Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inteko za ONU zigiye gushika muri congo (RDC) mu mpera z’ukwezi kwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inteko za ONU zigiye gushika muri congo (RDC) mu mpera z’ukwezi kwa (...)

Inteko za ONU zigiye gushika muri congo (RDC) mu mpera z’ukwezi kwa 4

jeudi 18 Ndamukiza 2013

Nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi wa gisirikare ca monusco ,imbere y’impera z’ukwezi kwa Ndamukiza I bataillon imwe y’abasoda bazoba bashitse muri republika iharanira demokarasi ya congo,bakazova mu bihugu bitatu ari vyo afrika y’epfo, Tanzanie na Malawi.

Igikorwa c’abo kizoba gitandukanye n’icabahora aho kuko bobo bazoshobora kubuza imihari irwanira muri congo.Ico rero kikaba ari igikorwa kitoroshe mu gihe ukuza kwabo gushitse imihari nka M23 yanse kwunvikana na leta ya Kinshasa, kandi ukaba uboneka ufise inguvu muri ico gice co mu buseruko .

Mwomenya ko ubu ahitwa ITURI hari agahengwe inyuma y’imishamirano hagati y’amoko abiri,ko abanyagihugu banyotewe ukuza kw’abo basoda kuko batagira iyo bata umutwe muri izo ngwano.

Iyindi ngorane n’ ingene ibibuga vy’indege bimeze nabi bikwiye gusanurwa aho mu buseruko, mu gihe bagiye kwakira indege zinini zizozana ibikoresho vy’abo basoda. Ejo haheze monusco yazanye impunzi 150 zatahutse zivuye muri congo brazzaville


Gildas Ndihokubwayo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.