Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Interahamwe ziri mu Buseruko bwa Kongo zagabishijwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Interahamwe ziri mu Buseruko bwa Kongo zagabishijwe

Interahamwe ziri mu Buseruko bwa Kongo zagabishijwe

mercredi 11 Kigarama 2013

Igisirikare c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kiri kugarukana amahoro muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, cagabishije ko kiriko kiritegurira guhasha abarwanyi bo muri FDLR, ico gikorwa bakazogifashanya n’abasirikare b’ico gihugu.

Ku va aho abarwanyi bo muri M23 batsindiwe bagahunga, abasirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bafatanije n’ab’igihugu, bakaba bagumye bamenyesha ko abaramukiwe n’abo ari abarwanyi b’ interahamwe bava mu gihugu c’Urwanda. Kuri uyu wa kabiri uza, akaba ariryo sango ryahawe izo ntagondwa zo muri FDLR kugira babe barashira ibirwanisho hasi.

Abo barwanyi baba FDLR bagisibije mu Buseruko bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, bakaba bahungiye muri ico gihugu inyuma y’aho bamwe muri bo, bakoreye amarorerwa yo mu mwaka w’1994, mu kwica abanyarwanda bo mu bwoko bw’abatutsi bashika hafi umuriyoni w’abantu. Aho muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo rero, aba FDLR bakaba bari hagati y’1500 n’2000, bakaba barwiriye mu gace ka Kalembe i Masisi.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.