Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intsinzi ya Vital’O kuri APR FC, igikombe ca CECAFA catashe i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intsinzi ya Vital’O kuri APR FC, igikombe ca CECAFA catashe i (...)

Intsinzi ya Vital’O kuri APR FC, igikombe ca CECAFA catashe i Burundi

mardi 2 Mukakaro 2013

Mu mateka y’ihiganwa rya CECAFA ryatanguye mu mwaka 1967, ni ubwa mbere umurwi w’Uburundi ushoboye gutahukana igikombe, ivyo bikaba vyashimishije abarundi benshi inyuma y’aho umurwi wa Vitalo’O utsindiye igikombe c’ihiganwa rya CECAFA “Kagame Cup” ryari rimaze indwi zibiri ririko ribera mu gihugu ca Soudan, Vital’O ikaba yatsinze APR FC yo mu gihugu c’Urwanda ibitsindo bibiri ku busa.

JPEG - 169.5 ko
Tambwe Amissi, kizigenza w’umurwi wa Vital’O FC areruye igikombe ca CECAFA "Kagame Cup"

Muri urwo rukino rwa nyuma rutari rworoshe na gato, abanyarwanda benshi bagumye bafise ivyizigiro ko APR FC ishobora guhava itahukana ico gikombe.
Mu gice ca kabiri, nk’uko vyagendekeye umurwi wa Rayon Sports mu rukino rwa kabiri rushira urwa nyuma, Kanyankore yahinduye umukenyuro maze Vitalo’O itangura gusatira bikomeye APR FC. Ku munota wa 61, umukinyi Habonimana Célestin ari nawe yatsinze igitsindo casezereye Rayon Sports mu gice ca kabiri gishira ica nyuma niwe yasubiriye gutsinda igitsindo c’umutwe ku mupira wari uvuye muri corner. Mu gihe abantu bacibaza ibibaye kuri APR FC, umurwi wa Vitalo’O waronse iyindi Corner, maze umukinyi Christian Mbilizi umwe mu bakinyi bagufi bagaragaye muri iryo higanwa, nawe niho yaca mu rwahumye abakinyi b’inyuma ba APR FC, yinjiza igitsindo ca kabiri, icizere ca APR FC gica kirahera.

Icashimishije abantu, uwo murwi wa Vital’O igihe bahaguruka bava mu gihugu c’Uburundi wari wijeje abarundi ko ata kindi kibajanye atari ugutahukana ico gikombe ca CECAFA, none baraye babishitseko. Ikindi cashimishije abantu cane n’ingene urwo rukino rwahuriranye n’umunsi wo kwikukira kw’igihugu c’Uburundi, mukumva ko iyo ntsinzi ya Vital’O yaje kwongereza umunezero w’abarundi bari biriwe mu birori vyo guhimbaza imyaka 51 igihugu kimaze cikukiye.

Twibutse ko CECAFA “Kagame Cup” yaraye itahukanwe na Vital’O ishigikirwa n’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame kuva mu mwaka w’2002.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.