IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Intwazangabo nshasha mu gisirikare zigiye kumenyekana

Intwazangabo nshasha mu gisirikare zigiye kumenyekana

jeudi 10 Nzero 2013

Ikibazo catanzwe ku mikangara yipfuza kwinjira mw’ishuri kaminuza ry’intwaramiheto ISCAM carakosowe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Nzero 2013 mu bigo vy’ishuri kaminuza ry’intwara miheto.

Hari kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 9 nzero 2013 aho igikorwa co gukosora ikibazo catanzwe mu ntumbero yo kurondera abazokwinjira mw’ishuri kaminuza ry’intwaramiheto cakosorwa mu nyubakwa z’iryo shuri kiri i Bujumbura.Ico kibazo kikaba cari catunganijwe mu ntara zose z’igihugu kw’igenekerezo rya 7 nzero 2013. Ku mikangara 1233 yari yiyandikishije,990 niyo yashoboye gukora ico kibazo harimwo abakobwa 122 n’abatwa 4.

Nk’uko uwurongoye ISCAM Colonel Bizindavyi Aloys yabimenyesheje,ngo ico gikorwa co gukosora ico kibazo kibera ku mugaragaro kandi amazina y’abakoze aba anyegeje.Yamenyesheje kandi ko ikibazo ca nyuma kizokorwa igenekerezo rya 28 nzero 2013 mu kigo c’iryo shuri. Intara yose ikaba izoserukirwa n’imikangara cumi bubahirije ukungana kw’igitigiri c’ubwoko.

Kuva rero aho habereye ivangwa ry’igisirikare hagati y’abahora mu mirwi irwana n’abahora mu gisirikare ca Reta mu mwaka w’2005,iyinjizwa mu gisirikare ribera mu ntara zose kandi ukungana kw’ubwoko bikubahirizwa ni ukuvuga ibice 50 kw’ijana vy’abahutu n’ibice 50 kw’ijana vy’abatutsi bongeyeko abatwa nk’uko biri mu masezerano y’amahoro y’i Arusha.


Mugisha Van Naris

Portfolio

Messages

  • mbega comment zo mukirundi ko tutazibona ni gute?jewe nzoza ndazishirako navukiye muburundi ariko ndi umunyagwanda!Igihe mwakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.