IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi yanyurujwe

Intwazangabo y’igisirikare c’Uburundi yanyurujwe

vendredi 25 Ntwarante 2016, par egide

Intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yo kw’ipete rya Lieutenant yaranyurujwe kuri uwu wa gatatu n’abarwanyi ba FNL ya Aloys NZABAMPEMA, mw’ishamba cimeza rya Rukoko.

Lieutenant Alexis Irambona asanzwe afise matricule SS1889 wo muri bataillon ya 412, avuka mu ntara ya Makamba, muri komine Vugizo, yavuye ku kirindiro akorerako aja gutembera mw’ishamba rya Rukoko, ari naho yafatiwe n’abarwanyi ba FNL ya Aloys NZAMBAMPEMA bamugize imbohe.
Mu gisirikare c’Uburundi baremeza ayo makuru, bakavuga ko Lieutenant Alexis yafatiwe aho mu Rukoko mu gihe yariko ahatembera ari wenyene.

JPEG - 74.2 ko
Lieutenant Alexis Irambona asanzwe afise matricule SS1889

Ku bivugwa ko hari n’abandi basirikare b’Uburundi babiri baguye mu ngwano zabaye hagati y’igisirikare c’Uburundi n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho, Colonel Gaspard BARATUZA arabihakana, akamenyesha ko uretse uwo musirikare w’intwazangabo yanyurujwe, abandi bose ata kibazo bagize, kandi ko ata n’ugutana mu mitwe kwabaye ku munsi wa gatatu hagati y’abasirikare b’Uburundi n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho.

Kuva Lieutenant Irambona Alexis anyurujwe akagirwa imbohe, amasamu yiwe amwerekana aboshe yaciye atangura gukwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, akamwerekana ari mu kibanza kitamenyekanye, mu minwe y’abarwanyi ba FNL ya Aloys NZABAMPEMA, nk’uko vyashikirijwe mbere na Jean Felix Ntahonkuriye, umuvigizi w’uwo murwi w’abarwanyi.

JPEG - 74.2 ko
Lieutenant Alexis Irambona asanzwe afise matricule SS1889

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.