Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyifato y’aba Taliban mu biganiro ntishimisha Afganistan - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inyifato y’aba Taliban mu biganiro ntishimisha Afganistan

Inyifato y’aba Taliban mu biganiro ntishimisha Afganistan

jeudi 20 Ruheshi 2013

Abategetsi ba Afganistan bavuze ko gukuraho ibendera n’icapa c’izina ku biro vy’aba Taliban i Qatar bidahagije.
Abaserukira Leta ya Afganistan mu biganiro bavuga ko ivyo biro bifise intumbero y’ibiganiro gusa kandi ko batanezerewe n’amajambo ashikirizwa n’aba Taliban.

’Umengo n’igihugu c’aba Taliban tudashaka,’’ nk’uko Muhammad Ismael Qasemyar, umwe mu bagize inama nkuru ya Afganistan yabwiye abamenyeshamakuru bo kuri BBC.
Ivyo bivuzwe inyuma y’aho umushikiranganji wa Leta zunze ubumwe za Amerika, John Kerry ahamagariye kuri telefone umukuru wa Afganistan Hamid Karzai kugira atururuze ico cuka kibi.

Yabwiye umukuru w’igihugu ko ibiro vy’aba Taliban i Qatar bizomanura ibendera hanyuma ko icapa kivuga ko iyo nyubakwa ari Emirat ya Afganistan cari gusubirizwa n’ikindi kivuga giti: ’ibiro vy’ibiganiro vy’amahoro’.

Kuwa gatatu, umukuru w’igihugu Karzai yavuze ko abaserukira Afganistan mu biganiro bazoreka kuvyitaba gushika ’’ibihugu vyo hanze’’ vyemeye ko ivyo biganiro bitunganywa n’abanye Afganistan ubwabo.

Yaciye anahagarika ibiganiro ku bibazo vy’umutekano na Leta zunze ubumwe za Amerika ku bijanye n’abanyamerika boguma muri Afganistan ingabo za OTAN zimaze kuva muri ico gihugu mu mwaka w’2014.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.