IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Inyigisho ku rwaruka kw’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika (...)

Inyigisho ku rwaruka kw’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

mercredi 26 Ruheshi 2013

Mu ntumbero yo kwigisha urwaruka rw’Uburundi akamaro k’iyinjira ry’uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko bufadikanije n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi baratunganije uruganda rwo gukarihiriza ubwenge abaserukira abandi mu mirwi ihurikiyemwo abanyeshure bo mu mashure yisumbuye atandukanye yatowe ngo atanguzweko uyo mugambi yo mu ntara zose z’igihugu ku bijanye n’imigambi y’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Intumbero nyamukuru y’urwo ruganda ni ukugira abarwitavye bongererezwe ubumenyi kugira bashobore kuronka impamba ikwiye baze bashobore kunyurwisha abo banyeshure akamaro k’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Mw’ijambo ryiwe, umupfasoni Clarette Inamahoro yaserukiye ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko yashimiye ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bidahengeshanya gufata mu mugongo Leta mu migambi itandikanye, na cane cane ibijanye n’iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Yongeye arasaba abo baserukiye abandi kwama na ntaryo bakorana ingoga kugira urwaruka rumenye ko kwinjira mu karere ari ikintu gihambaye mu buzima bw’igihugu.

Uwaserukiye ibiro vya Onu mu Burundi umushingantahe Salvator Menyimana,yasavye abo baserukiye abandi kwamana ingoga bashobore kwumvisha ako kamaro urwaruka rw’uburundi na rirya ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko muri kazoza bizosenyera ku mugozi umwe kandi bigakoresha ururimi rumwe,amafaranga amwe n’ibindi.
Izo nyigisho rero ni ngirakamaro ku rwruka kubera arirwo kazoza k’igihugu c’uburundi ngo nivyiza ko ruhabwa ubumenyi bukwiye kugira baze bashobore guteza imbere igihugu bafatiye ku karorero k’ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.