Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyishu kugira umuntu avyukane akanyamuneza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyishu kugira umuntu avyukane akanyamuneza

Inyishu kugira umuntu avyukane akanyamuneza

samedi 27 Mukakaro 2013

Birashika ku bantu benshi, umuntu akavyukana umwavyi, akavyuka adashaka kuvuga, yumva ibintu vyose bitamunezereye, ugasanga yaba vyanashoboka nta n’umwe yari guha na bwakeye.

Mbega ni ibiki bituma umuntu ashobora kuvyuka yumva ameze gurtyo?
Ica mbere biva nk’akarorero ko umuntu aba yavyutse ariko itiro ridaheze neza. Ikindi naco bishobora kuva ko yumva ibintu aza gukora uwo munsi bibishe ata na kimwe kimuryohera mu bimurindiriye, nk’akarorero ugasanga ibintu aza gukora uwo musi birafise ico bisangiye n’imigambi yipfuza kurangura mu buzima bwiwe, canke ivyo aza gukora ugasanga bijanye nivyo akeneye, ivyo yipfuza.

Mu bisanzwe iyo umunezero atawuhari ku munsi wo kubaho, usanga umerewe nabi, kuvyukira ukuguru kw’i buryo nk’uko benshi bakunda kubivuga usanga vyoroshe iyo uzi ko ivyo vyose bikurindiriye. Kenshi kuvyuka utevye wihuta kugira wunguke umwanya, kwitegura gihutihuti, kuja gufata imodoka ikwunguruza, aho rero iminsi itanu kuri 7, bizobamerera nabi, birashobora gutuma umuntu atagira akanyamuneza yama avyuka arushe yirigwa adakeye mu maso.

Impanuro ngo ni uko umuntu yoza aravyuka kare agahindura ingendo n’ukwo yarabayeho, fata umwanya ukwiye wo kuvyuka. Ni mufate nk’iminota 10 yo kuvyuka imbere y’uko hagira utwo ukora. Ni mube Nk’akayabu ngo umuntu akabanza akagira imyimenyerezo imbere y’uko uja kwoga, ukagira imyimenyerezo mike, umubiri wawe uzoba witeguriye kumara umunsi umeze neza.

Bamwe bakoresha imyimenyerezo (sport) abandi uturirimbo tworoshe kugira bavyukane akanyamuneza, ni vyiza kurusha bamwe bashiramwo ibintu biza kubavyura (reveil). Burya ngo iminsi 21 ni iminsi ikwiye kugira ikintu kibe cabaye akamenyero kuri buri muntu, tangura wimenyereze bizoza ni bukebuke. Muzosanga munezererewe cane iminsi yo kubaho kwanyu mu gatangura umunsi mwumva mufise ishaka hamwe n’intumbero. Ikindi naco ngo ni vyiza ko umuntu arara yateguye ivyo azokora bukeye kugira yirinde kuvyurwa n’induru yiterefone agaca avyuka atazambaye kuko acerewe. Impanuro ni ukwo twomenya gutondeka ibintu vyose ku murongo .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.