Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbere y’amezi atatu kugira akwize imyaka 30, afise imiriyaridi 30 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imbere y’amezi atatu kugira akwize imyaka 30, afise imiriyaridi 30 (...)

Imbere y’amezi atatu kugira akwize imyaka 30, afise imiriyaridi 30 y’amadorari

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Mu gihe umuhora wa Facebook uhimbaza imyaka cumi umaze ubayeho, umuhinga yashizeho uwo muhora nawe azohimbaza imyaka 30.

Uno munsi w’igenekerezo rya 04 Ruhuhuma, umuhora wa Facebook uhimbaza imyaka 10 ubayeho. Inyuma y’amezi 3, ni ukuvuga kw’igenekerezo rya 14 Rusama, Mark Zuckerberg, umuhinga yashizeho uwo muhora ahimbaza imyaka 30 y’amavuka. Ku myaka 29 n’amezi 9, Mark Zuckerberg afise amahera arenga imiriyaridi 30 y’amadorari. Afise ikibanza c’8 mu batunzi 150 ba mbere baharurwa kw’isi, muri abo niwe afise imyaka mike. Uko rero ibifaranga biguma vyiyongera niko aguma ahinduka, iryo hinduka ryibonekeje mu mwaka 10 iheze.

Hagati y’umwaka w’2004 na 2006

Mu mwaka w’2003 ushira uw’2004, Mark Zuckerberg yari umusore w’umuyabaga akubagana cane. Ico gihe, ari kuri kaminuza y’i Havard, yatoye umuhora witwa Facemash, uwo munsi yegeranije amasanamu «Photo» abiri y’abanyeshure bo muri Kaminuza, yongera kandi akoresha amasanamu y’abakozi bo muri Kaminuza bariko bararengana. Bukebuke umurongo wa Facebook utera ujaho.

Hagati y’umwaka w’2007 na 2011, Mark Zuckerberg yabonye bimwe yafata nk’ugufyina atari ibintu bisanzwe, aca aha akazi umukobwa yitwa Sheryl Sanbderg nk’umuyobozi w’ibikorwa «Directrice des Opérations». Umuhora wa Facebook uca utangura gusumvya imihora yari izwi cane mu mwaka w’2008 nka Myspace, abantu bagera ku miriyoni 120 bakaba aribo bari bamaze gukoresha uwo muhora.
Mark Zuckerberg yaciye yigira inama yo gukabisha ihayanishwa yagirira ishirahamwe Adidas ahindura akora ihayanishwa rya Nike, mukugira ihayanishwa y’iryo shihamwe bivurwako yamaze umwaka wose yambara Cravate ya Nike. Ayandi mashirahamwe yari asanzwe akora amahanishwa yivye uko iyindi mihora ikora yarugaje umuhora wa Facebook bawubuza gukora amahayanihswa ariko Mark Zuckerberg yaciye avuga ko ategerezwa kuguma akora amahanishwa kugira yironkere amahera menshi.

Mu mwaka w’2010 niho rero yatangura gukora ukuri kwamye n’ishaka ryinshi maze Facebook ija kw’isonga ry’iyindi mihora yinjiza amahera menshi gushika n’ubu.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.