Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba zanganije na Djibouti - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zanganije na Djibouti

Intamba mu Rugamba zanganije na Djibouti

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Urukino rwariko ruhuza umurwi w’Intamba mu Rugamba w’abadakwiza imyaka 20 n’umurwi nserukira gihugu wa Djibouti ruhejeje kurangira ari igitsindo kimwe ku kindi. Urukino rwo gusubiza ruzobera i Bujumbura.

Igice ca mbere c’urukino caheze ari igitsindo kimwe c’umurwi wa Djibouti cinjiye ku munota wa 15 cinjizwa n’umukinyi Yabe. Ariko amakuru ava mu kibuga ahariko habera urwo rukino atubwira ko Intamba zariko zivyifatamwo neza. Ayo makuru nyene yatubwira ko ubushuhe bwari bwinshi cane muri ico gihugu.

Igice ca kabiri c’urukino kimaze umwanya gitanguye, Intamba mu Rugamba zagomboye ca gitsindo, iyo mirwi ica iranganya kimwe ku kindi. Umupira wariko uhuza umurwi w’Intamba mu Rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Djibouti uheze ari igitsindo kimwe ku kindi (1-1). Urukino rwo gusubiza ruzobera i Bujumbura hazoba kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza.

Mwomenya ko abakinyi ba Djibouti bahejeje kunganya n’umurwi w’Intamba nka bose bakina mu mirwi iri mu cicaro ca mbere.


Chérif Nkeshimanaa

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.