Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’iminsi 2 abuze umugabo,Celine Dion yabuze musaza we - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inyuma y’iminsi 2 abuze umugabo,Celine Dion yabuze musaza we

Inyuma y’iminsi 2 abuze umugabo,Celine Dion yabuze musaza we

dimanche 17 Nzero 2016

Inyuma y’iminsi ibiri gusa abuze umugabo wiwe René Angélil,umuririmvyikazi Celine Dion yabuze musaza Daniel Dion yari amaze iminsi asinzikajwe n’indwara ya kansere(Cancer).

René Angélil, umugabo wa Celine Dion yapfuye kuwa Kane igenekerezo rya 14 Nzero 2016, ahitanywe na kansere yo mu muhogo. Musaza we Daniel w’imyaka 59 na we yahitanywe na kansere yo ku bwonko, ururimi no mu muhogo.

Daniel yapfiriye mu bitaro yari arwariyemwo mu gisagara ca Montreal muri Canada. Mu gihe cose amaze arwaye yabana n’umuryango, Celine na we yariko yitaho umugabo wiwe yari arwariye mu gisagara ca Nevada ari naho yapfiriye.

Mu bari bitayeho cane ubuzima bwa Daniel ni nyina wiwe Therese w’imyaka 88 ndetse akaba ata munsi wahera atagiye kumuraba mu bitaro.

Daniel apfuye umuryango wiwe usa n’uwamaze kubona ko isaha n’isaha ashobora gupfa, co kimwe na René Angélil,umugabo wa Celine Dion.

Ibirori vyo gusezera irya nyuma Daniel,bizobera mw’ishengero rya St-Simon-et-Jude de Charlemagne muri Repentigny muri Quebec mu gihugu ca Canada.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.