Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’imyaka 50 irangiye ashengeye, yashiriweko urugori ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma y’imyaka 50 irangiye ashengeye, yashiriweko urugori ku (...)

Inyuma y’imyaka 50 irangiye ashengeye, yashiriweko urugori ku mva

jeudi 21 Munyonyo 2013

Imyaka 50 irarangiye uwahoze arongoye igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika ashengeye. Uyo si uwundi, ni John Fitzgerald Kennedi yapfuye arashwe. Barak Obama arongoye ico gihugu ubu, yashizeko urugori rw’amashurwe y’ubururu avanze n’ayera ari kumwe na Hillary Cliton.

N’ubwo haciye iyo myaka 50 John F.Kennedi ashengeye, iryo zina ntiryigeze rizimangana muri Reta zunzubumwe z’Amerika. Mu gihe bari bahejeje gushirako urugori kumva ya John Kennedi kuri uyu wa gatatu 20 Munyonyo 2013, Barak Obama yavuze ko Kennedi yari umuntu w’injunja n’ijambo, kandi abushitse akaba kandi yari intore.

Ati :« John Kennedi, azoguma ari intibagiranwa mu mitima yacu, atari ukwo yapfuye hataragera, ariko kuko yasize igicapo ciza ciwe mu bantu yarongoye. Mu nyigisho ziwe zubaka zitwibutsa ukungene dukwiye guhindura no kwubaka igihugu cacu ».

Imbere yaho gato, Barak Obama yarahejeje kwerekana muri Maison Blanche abatsindiye umudari bitiriye “Medaille presidentielle de la liberte”. Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika Bill Cliton yari mu bategetsi 16 bo kw’isi mu vya poritike, mu tugenegene, mu buhinga bwa none, mu vyo kwinonora imitsi bararonse agashimwe imbere y’umuryango wa John F Kennedi. Ariko, muri ivyo birori vyo kwibuka John Kennedi, umukobwa wiwe Carolone Kennedi ntivyakunze ko ahaba muri ivyo birori kuko yari i Tokyo.

Mwomneya ko John F. Kennedy yarashwe afise imyaka 46 igihe yaragiye mu gisagara hagati ca Dallard, araswa n’uwitwa Lee harvey Oswald w’imyaka 24. Ariko inyuma y’imyaka 50 ihaciye iryo bara rikozwe, amatohoza atari make aribaza nimba uwo Oswald yoba ariwe yitumye uwo murimo ugayitse canke yoba yaratumwe. Urupfu rwa Kennedi rukaba rwababaje abatari bake, eka mebere runatuma hakurikira n’icuka kitari ciza mu Leta zunzubumwe z’Amerika.

Mwokwibuka ko Kennedi yitavye umuremyi arashwe kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo 1963, umukenyezi wiwe nawe aca aramukurikira mu mwaka 1994 aho yaciye ahambwa iruhande y’umunega wiwe.


Bukuru Mariella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.