Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo : Abarenga amajana ane baramaze kwitaba Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sudani y’Epfo : Abarenga amajana ane baramaze kwitaba Imana

Sudani y’Epfo : Abarenga amajana ane baramaze kwitaba Imana

mercredi 18 Kigarama 2013

Inyuma yaho hatangarijwe ikomborwa ry’umukuru w’igihugu wo muri Soudani y’amaja Epfo, haciye haba imishamirano idasanzwe i Juba mu gisagara ca Soudani y’amaja Epfo. Imishamirano yahitanye abantu bari hagati y’amajana ane n’amajana atanu, nayo abagera ku bihumbi 15 000 bari bahungiye ku cicaro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Nk’uko bivugwa na Herve Ladsous, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU mu gisata co gutsimbataza amahoro, abo bapfuye bivuye ku mishamirano yariko iraba hagati y’igisirikare c’igihugu n’abatavuga rumwe nabo. Ibiziga vy’abapfuye bikaba vyaciye bitwarwa mu bitaro bitandukanye vy’i Juba. Abagera ku 800 nabo, bakaba bakomeretse bivuye mu mishamirano yariko iba hagati y’abayoboke b’umukuru w’igihugu ca Soudani y’amaja Epfo, Salva Kiir hamwe n’abatavuga rumwe nabo.

N’ubwo hari bashinzwe amasaha y’uko ata muntu n’umwe yosubira kurengana mu mabarabara, inkoho zikaba zarabandanije kuvuga gushika ku muhingamo wo kurI uyu wa kabiri. Reta y’igihugu ca Soudani y’amaja Epfo ikaba yaciye ihagarika abanyeporitike bagera kuri 10 bakekwa kuba bari mu bashatse kugihirika ubutegetsi. Salva Kiir akaba yagiriza uwo batavuga rumwe, Riek Machar yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Muri abo banyeporitike 10 bafashwe, hakaba ahari abahoze ari abashikiranganji bagera ku munani.

Igisagara ca Juba kikaba ubu casubiriye mu mutekano, Reta igahamagarira abantu gusubira mu mirimo yabo ya minsi yose, Abari bahunze nabo bagaruke mu zabo kuko ikibazo c’umutekano kiri mu minwe y’abajejwe umutekano.

Mwomenya ko n’ubwo Riek Machar yagirizwa kuba ari mubashatse gutembagaza ubutegetsi buhari, abihakana yivuye inyuma, akavuga ko imishamirano yabereye i Juba, yoba yavuye kukutumvikana kw’abajejwe umutekano bo ku kirimba c’umukurun w’igihugu.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.