Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma yaho se wa George Bush yihendeye ku rupfu rwa Mandela, yasavye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inyuma yaho se wa George Bush yihendeye ku rupfu rwa Mandela, yasavye (...)

Inyuma yaho se wa George Bush yihendeye ku rupfu rwa Mandela, yasavye imbabazi

lundi 2 Nyakanga 2013

George Bush, se wa Georges W Bush yigeze kurongora igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, yaranditse ikete ry’uguhoza umuryango wa Nelson Mandela n’igihugu cose c’Afrika y’Epfo, ku rupfu rwa Nelson Mandela.

Bush n’umuvugizi wiwe bakaba babonye ko bihenze kuri urwo rupfu rwa Nelson Mandela, inyuma y’akanya gato, itangazo ryamaze kuja ahabona. Inyuma y’aho, umukuru w’igihugu wa 41 wa Leta zunzubumwe z’Amerika akaba yaciye yandika itangazo ryo gusaba imbabazi, ku kwihenda ku rupfu rwa Mandela, aho yanditse ati : « Jewe n’umutambukanyi wanje Barbara twari twatanguye kuririra Mandela, umuntu tuzi ko yaharaniye ukwigenga kw’abanyagihugu, kandi natwe tuzi cane.»

Muri iryo tangazo ry’uguhoza umuryango wa Mandela n’igihugu cose c’Afrika y’Epfo, Akaba yari yanditse ko Mandela yari umuntu akerebutse, yahinduye ibintu vyinshi mu gihugu ciwe, ndetse akaba yamusabira kugira ibihe bidashira. Ku buhinga ngurukana bumenyi bwa Twitter, umuvugizi wa George Bush ariwe Jim McGrath avuga ko mu kurungika ubwo butumwa yihenze mu gusoma nabi ijambo ry’umutwe w’ikinyamakuru Washington Post. Akaba nawe nyene asaba imbabazi abantu bose, bari bamaze kwumva iryo tangazo ry’urupfu rwa Mandela. Avuga ko ari ikosa ryiwe nk’umuvugizi, ariko ko atari ikosa rya Bush, asanzwe avugira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.